Chapter 15
Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru, abashingantahe, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe ba sentare bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.
2 Pilato aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?” Na we aramwishura ati: “Urarivuze.”
3 Abaherezi bakuru bamurega vyinshi.
4 Pilato yongera kumubaza ati: “Nta co wiregura?” Umve ivyo bakwagiriza ingene ari vyinshi.
5 Maze Yesu ntiyasubira kwishura ijambo na rimwe, bituma Pilato atangara.
6 Muri iyo misi mikuru yahora abarekurira imbohe imwe, uwo bamusavye.
7 Hariho umwe yitwa Baraba, yabohanywe n'abagararije, bishe abantu muri ukwo kugarariza.
8 Ishengero riraduga, ritangura gusaba ko abagirira nk'uko yamenyereye.
9 Pilato arababaza ko bagomba ko abarekurira Umwami w'Abayuda?
10 Kuko yamenye yuko ishari ari ryo ryatumye abaherezi bakuru bamutanga.
11 Maze abaherezi bakuru bosha ishengero gusaba ngo ivyoba vyiza abarekurire Baraba.
12 Pilato yongera kubabaza ati: “None uwo mwita Umwami w'Abayuda, we ndamugire nte?”
13 Bongera kuyogora bati: “Mubambe.”
14 Pilato arababaza ati: “Ku ki? Yakoze ikibi ki?” Maze barushiriza kuyogora cane bati: “Mubambe.”
15 Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maze atanga Yesu ngo abambwe, amaze kumutonagura.
16 Maze abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana.
17 Bamwambika impuzu y'agahama, batsiba igitsibo c'amahwa, bakimwambika mu mutwe;
18 batangura kumuramutsa bati: “Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda.”
19 Bamukubita irenga mu mutwe, bamuvuma amate, barapfukama, bamukomera amashi.
20 Bamaze kumucurira, bamwambura ya mpuzu y'agahama, bamwambika impuzu ziwe, bamurengana irembo bamushoreye kumubamba.
21 Bafata umuntu ahita, Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, ni se wa Alekisandero na Rufo, ngo amutwaze umusaraba.
22 Bamushikana Yesu ahitwa i Gologota, risobanurwa ngo ahantu h' agahanga.
23 Bamuha umuvinyu uvanze n'umuti w'umururazi, ntiyawunywa.
24 Baramubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira, ngo bamenye iyo umuntu wese atwara.
25 Igihe babamba Yesu zari isaha zitatu.
26 Icandiko c'ikirego candikwa hejuru yiwe ngo UMWAMI W'ABAYUDA.
27 Kandi babambana na we abambuzi babiri, umwe i buryo bwiwe, uwundi i bubamfu. [
28 Nuko ivyanditswe birashika, ngo Yaharuranywe n'abanyavyaha.]
29 Abahahita baramucurira, bazunguza imitwe bati: “Yo, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu,
30 ni wikize, wimanure ku musaraba.”
31 N'abaherezi bakuru bamucurira batyo, banwengurana n'abahinga b'ivyanditswe bati: “Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza;
32 Kristo Umwami w'Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene, tubibone twizere.” N'abari babambanywe na we na bo baramutuka.
33 Maze isaha zitandatu zishitse, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw'isaha y'icenda.
34 Kw'isaha y'icenda Yesu asemerera n'ijwi rirenga ati: “Eloi, Eloi, lama sabakatani?” Risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, ni igiki kikumpebesheje?
35 Maze bamwe mu bahahagaze bavyumvise baravuga bati: “Umve, ahamagaye Eliya.”
36 Umwe arirukanga, yakira sipongo, ayuzuza inkarisha, ayirungikisha irenga; arayimusomesha ati: “Hinge turabe ko Eliya yoza kumubambura.”
37 Maze Yesu avuga n'ijwi rirenga, aracikana.
38 Igihuzu gikingira ahera cane h'urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi.
39 Intwazangabo y'abasoda ijana yari ihahagaze bahanganye, ibonye acikanye atyo, iravuga ati: “Ni ivyo ukuri, uwu muntu yari Umwana w'Imana.”
40 Hariho n'abagore bari kure babiraba, muri bo harimwo Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, harimwo na Salome.
41 Abo bagore, aho yaba i Galilaya, baramukurikira bakamukorera; kandi hariho n'abandi bagore benshi bari baduganye na we i Yerusalemu.
42 Bugorovye, kuko wari umusi wo Kwitegura, ni wo musi utangurira isabato,
43 haza Yosefu w'i Arimataya, umushingantahe w'icubahiro, kandi na we yari areretse ubwami bw'Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.
44 Ariko Pilato biramutangaza ko yoba amaze gupfa; ahamagaza ya ntwazangabo y'abasoda, ayibaza yuko amaze umwanya apfuye.
45 Maze yumvise ivyo iyo ntwazangabo imubwiye, aha Yosefu ikiziga.
46 Agura impuzu yera, arakibambura akizingira muri ino mpuzu, agishira mu mva yimbwe mu bitandara, atembagaza ikibuye acugaza umuryango w'imva.
47 Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yose babona aho ahambwe.