Chapter 3
Nuko tutagishoboye kwihangana, dushima gusigara twenyene muri Atenayi,
2 dutuma Timoteyo, muvukanyi, umukozi w'Imana agabura ubutumwa bwiza bwa Kristo, ngo abakomeze abaremeshe ku vyo ukwizera kwanyu,
3 kugira ngo ntihagire uwo muri mwebwe anyiganyizwa n'ayo marushwa; kuko ubwanyu muzi yuko ari ico twashiriweho nyene.
4 Kandi hamwe twari kumwe namwe, twababuriye yuko tutazobura kubabazwa; kandi ni ko vyabaye, murabizi.
5 Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo menye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n'ubusa.
6 Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y'ukwizera kwanyu n'urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk'uko natwe tubakumbura.
7 Ni co catumye bavukanyi, turemeshwa kubwanyu n'ukwizera kwanyu, mu mubabaro wacu wose no mu marushwa.
8 Kuko none turiho, asangwa muhagaze mu Mwami.
9 Ni ishimwe ki twoshobora kwishura Imana kubwanyu, kubwo umunezero wose tubanezererwa imbere y'Imana yacu?
10 Dusenga cane ijoro n'umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu.
11 None Imana yacu ubwayo, ni yo Data wa twese, n'Umwami wacu Yesu, agorore inzira yacu yo kuza iyo.
12 Namwe Umwami wacu abagwirize, abongerereze urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk'uko natwe tumeze kuri mwebwe;
13 kugira ngo aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y'Imana yacu ni yo Data wa twese, izosangwe ityo aho Umwami wacu Yesu azozananira n'abera biwe bose.