Kirundi Bible

2 Timoteyo

1 2 3 4

Chapter 2

Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,
2 kandi ivyo wanyumvanye mu maso y'ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n'abandi.
3 Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk'uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
4 Nta musoda yikwegera mu vy'ubu bugingo, ngo azohimbare uwamwandikiye ubusoda.
5 Kandi iyo umuntu arushanywa, ntahabwa igitsibo, kiretse arushanijwe nk'uko vyagezwe.
6 Umurimyi kuko ari we yacumukuye ni we akwiye kubanza gusoroma ku vyeze.
7 Umenye ivyo mvuze, kuko Umwami wacu azoguha ubwenge muri vyose.
8 Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk'uko ubutumwa nahawe buvuga;
9 ubwo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk'inkozi y'ikibi; ariko ijambo ry'Imana ntiriboshwe.
10 Ni co gituma nihanganira vyose kubwo abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n'ubwiza budashira.
11 Iri jambo ni iryo kwizerwa, ngo Namba twarapfanye na we, tuzobanaho na we;
12 namba twihangana, tuzokwimikanwa na we; namba waramwihakanye, na we azotwihakana;
13 naho tutoba abizigirwa, we ahora ari umwizigirwa, kuko adashobora guhindagurika.
14 Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu maso y'Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva.
15 Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk'uwamaze kurama, umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw'ijambo ry'ukuri.
16 Ariko, ibihumanya vy'amajambo y'ubusa ubizibukire, kuko ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana,
17 kandi ijambo ryabo rizorandagurana nk'igisebe gishikurana kidakira. Muri abo umwe ni Humenayo na Fileto,
18 kuko bazimiye bakava mu vy'ukuri, bavuga ngo ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe.
19 Ariko ibuye ry' umushinge w'Imana wo kwubakako urakomeye, ryanditsweko iki kimenyetso, ngo Uhoraho arazi abiwe; kandi ngo Umuntu wese avuga izina ry' Uhoraho ave mu kugabitanya.
20 Mu nzu nini y'umutunzi ntihabamwo ibikoresho vy'ivyacuzwe mw'izahabu no mw'ifeza gusa, ariko habamwo n'ivyo ibiti n'ivyo ibumba, kandi bimwe babikoresha ivyo icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni.
21 Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n'ivyo, azoba igikoreshwa c'icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.
22 Ariko kwifuza kw'ubusore uguhunge, maze ukurikire ukugororoka, ukwizera, urukundo n'amahoro, ufatanya n'abambaza Umwami wacu n'imitima itanduye.
23 Ariko ibihari vy'ubupfu n'ivyo ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara impari z'ubupfu.
24 Kandi umushumba w'Umwami wacu ntakwiye gutongana, ariko akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bwo kwigisha, no kwihangana,
25 no guhanurisha uburwaneza abamuhaririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivyo ukuri,
26 bagaruke mu bwitonzi, bave mu mutego wa wa mugarariji yabafashe ngo bakore ivyo agomba.

« Chapter 1 Chapter 3 »