Chapter 2
Bavukanyi, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w'ubwiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.
2 Mw'ishengero ryanyu ni hinjiramwo umuntu yambaye impeta y'izahabu n'impuzu zishajije, hakinjira n'umworo yambaye impuzu mbi y'ubuhoma,
3 namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira muti: Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo muti: Weho hagarara hariya, canke icara hambavu y'ibirenge vyanje;
4 none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi?
5 Ni mwumve, bavukanyi nkunda. Mbega Imana ntiyatoranirije aboro b'ivyo isi ngo babe abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubwami yasezeraniye abayikunda?
6 Ariko mweho mwatetereje umworo. None abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?
7 Si bo batyoza izina ryiza mwitirirwa?
8 Mugabo namba mushitsa icagezwe c'i bwami nk'uko canditswe, ngo Mukunde ababanyi banyu nk'uko mwikunda, muba mugize neza.
9 Ariko iyo murobanuye abantu ku cubahiro, muba mukoze icaha, mutsinzwe n'ivyagezwe ko mubaye abanyabicumuro.
10 Kuko umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.
11 Uwavuze ati: Ntugasambane, ni we yavuze ati: Ntukice. Nuko rero niyo utasambana ariko ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe.
12 Muvuge kandi mukore nk'abagira bacirwe urubanza n'ivyagezwe bizana umwidegemvyo.
13 Kuko urubanza rutagirira akagongwe uwutagize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.
14 Vyomara iki ga bavukanyi, namba umuntu avuga yuko afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbega ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?
15 Ni haba hariho uwo muvukana ari we wese yoba yambaye ubusa, agenda aburanirwa ku vyo kurya,
16 maze umwe muri mwebwe akamubwira ati: Genda amahoro, ususuruke, uhage; ariko ntimumuhe ivyo umubiri ukena, vyomara iki?
17 Ni ko bimeze, n'ukwizera kutari n'ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.
18 Nk'umuntu yovuga ati: Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n'ibikorwa vyanje.
19 Wemera yuko Imana ari imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.
20 Ariko wa muntu w'imburakimazi we, mbega ugomba kumenya ingene ukwizera kutagira ibikorwa ari uko ubusa?
21 Aburahamu sogokuruza, mbega ntiyahinduwe umwere n'ibikorwa, hamwe yari atanze umwana wiwe Isaka ko ishikanwa amutanze ku gicaniro?
22 Ntubona yuko ukwizera kwafatanije n'ibikorwa vyiwe, kandi ko ukwizera kwahinguwe rwose n'ibikorwa?
23 Kandi icanditswe kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharurako nk'ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w' Imana.
24 Murabona yuko ibikorwa ari vyo bihindura umuntu intungane, atari ukwizera kwonyene.
25 Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye. Mbega ntiyahinduwe umwere n'ibikorwa kuko yahaye za ntumwa indaro, akazirangira iyindi nzira?
26 Nk'uko umubiri utarimwo impwemu uba upfuye, ni ko ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.