Chapter 1
Simoni Petero, umukozi wa Yesu Kristo kandi intumwa yiwe, ndabandikiye mwebwe abahawe ukwizera kw'akaburarugero kungana n'ukwacu, muguheshejwe n'ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n'Umukiza.
2 Ubuntu n'amahoro bigwire muri mwebwe, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.
3 Kuko ubushobozi bw'ubumana bwayo bwaduhaye ivyo ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubwiza bwiwe n'ingeso ziwe nziza.
4 Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy'akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n'Imana akameremere kayo, mumaze gutoroka muva mw'iborero ryazanywe mw'isi no kwifuza.
5 Mbere kubwo iyo nyanduruko nyene, ubwanyu ni mugire umwete rwose; ukwizera kwanyu mukwongereko ingeso nziza; ingeso nziza muzongereko ubwenge;
6 ubwenge mubwongereko ukwirinda; ukwirinda mukwongereko ukwihangana; ukwihangana mukwongereko ukwubaha Imana;
7 ukwubaha Imana mukwongereko ugukunda abavukanyi; ugukunda abavukanyi mukwongereko urukundo.
8 Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute canke abatunguka ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.
9 Kuko uwutagira ivyo ni mpumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w'ivyaha vyiwe vya kera.
10 Ni co gituma, bavukanyi, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ugutoranywa kwanyu. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.
11 Kuko ni vyaba bityo, muzohabwa rwose kwinjira mu bwami budashira bwa Yesu Kristo, ni we Mwami n'Umukiza wacu.
12 Ni co gituma imisi yose ntazohengeshanya kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri kuri muri mwebwe.
13 Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura ndabibutsa, nkiri muri uyu mubiri.
14 Kuko nzi yuko igihe co kwamburwa umubiri wanje kiza kuza gitebutse, nk'uko Umwami wacu Yesu Kristo yamenyesheje.
15 Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gupfa muzoshobore kwama mwibuka ivyo.
16 Kuko tutakurikiye imigani yaremwe n'akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bw' Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n'uko twiboneye n'amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.
17 Kuko yahawe n'Imana Data wa twese ishimwe n'ubwiza, aho ijwi rivuzwe n'ubwiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga riti: Nguwu Umwana wanje nkunda akampimbara.
18 Iryo jwi twaryumvise rivuye mw'ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.
19 Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirako umutima, ni nk'itara ryakira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza aho ikinyenyeri co mu gaturuturu kizokwakira mu mitima yanyu.
20 Irya mbere mukwiye kumenya, ni uko ata jambo ry'abavugishwa n'Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk'uko umuntu avyigombera,
21 kuko ata jambo ry'abavugishwa n'Imana ryazanywe no kugomba kw'umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.