Chapter 14
Uwudakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko si ukumuhaririza ku vy' akekeranya.
2 Umuntu umwe afise ukwizera kwo kumurisha vyose, ariko udakomeye arya ibirimwa gusa.
3 Uwurya inyama ntakengere uwutazirya; kandi uwutazirya ntahinyure uwuzirya, kuko Imana yamwemeye.
4 Wewe uri nde uhinyura umushumba w'abandi? Kuko imbere ya shebuja ari ho ahagarara canke agatemba; mbere ushime azohagarara, kuko Umwami wacu ashobora kumuhagarika.
5 Umuntu umwe ashima umusi umwe kuwurutisha iyindi; uwundi agashima imisi yose. Umuntu wese ni ashirwe mu mutima wiwe.
6 Uwiyumvira umusi awiyumvira kubwo Umwami wacu; uwurya inyama azirya kubwo Umwami, kuko ashima Imana; kandi uwutazirya, yanka kuzirya kubwo Umwami, na we ashima Imana.
7 Kuko ata muntu muri twebwe ariho kubwiwe, canke apfa kubwiwe.
8 Namba turiho, turiho kuba abo Umwami; kandi namba dupfa, dupfira kuba abo Umwami. Nuko namba turiho, canke namba dupfa, turi abo Umwami.
9 Kuko icatumye Kristo apfa, akazuka, ari ukugira ngo abe Umwami w'abapfuye kandi n'uwo abariho.
10 Ariko weho, ni igiki gituma uhinyura umwana wa So? Kandi nawe, ni igiki gituma ukengera umwana wa So? Kuko twese tuzohagarara imbere y'intebe y'imanza y'Imana.
11 Kuko handitswe, ngo nk'uko ndiho, ni ko Uhoraho avuze, amavi yose azompfukamira, N'indimi zose zizovuga ishimwe ry'Imana.
12 Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azobazwa n'Imana ivyo yakoze.
13 Uhereye ubu rero, ntiduhinyurane; yamara tugire iyi migabo; ngo ntihagire uwushira igitsitaza canke ikigwisha imbere y'umuvukanyi.
14 Ndabizi, kandi nemejwe neza n'Umwami Yesu, yuko ata gihumanya ubwaco; kiretse uwiyumvira ko ikintu gihumanya, ni we cohumanya.
15 Iyo umwana wa So ababajwe n'ivyo urya, ntuba ukigendera mu rukundo. Uwo Kristo yapfiriye ntumuranduze ivyo kurya vyawe.
16 Iciza canyu ntigitukwe.
17 Kuko ubwami bw'Imana atari ukurya n'ukunywa, ariko ni ukugororoka, amahoro n'umunezero vyo muri Mpwemu Yera.
18 Uwukorera Kristo atyo, ahimbara Imana, kandi n'abantu baramwemera.
19 Nuko dukurikire ivyo amahoro n'ivyo gukomezanya.
20 Ntimusenyure igikorwa c'Imana kubwo ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara.
21 Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa umuvinyu, canke kudakora ikindi cose gitsitaza umwana wa So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.
22 Ukwizera ufise, ukugumane mu mutima wawe imbere y'Imana. Harahiriwe uwutihinyura ku vyo yemeye.
23 Ariko, uwukekeranya wese iyo ariye aba atsinzwe, kuko bitaba bivuye ku kwizera; ikitava ku kwizera cose ni icaha.