Chapter 15
Twebwe abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z' abadakomeye, no kutinezereza.
2 Umuntu wese muri twebwe anezereze umuvukanyi wiwe, kugira ngo abone ivyiza, akomezwe.
3 Kuko na Kristo atinejereje, nk'uko handitswe, ngo ibitutsi vy'abagutuka vyaguye kuri jewe.
4 Kuko ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n'ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.
5 Ariko Imana itanga ukwihangana n'uguhumurizwa ibahe guhuza imitima yanyu, nk'uko Kristo Yesu agomba,
6 kugira ngo muhimbaze n'umutima umwe n'akanwa kamwe Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.
7 Nuko mwemerane, nk'uko Kristo na we yabemeye, kugira ngo Imana ishimishwe.
8 Ico mvuga ni uko Kristo yacitse umukozi w'abahimbuwe igikoba c'ubugabo wo kubagaburira ivyo Imana, ku bwo ukuri kwayo, kugira ngo ashike ivyo ba sogokuruza basezeraniwe,
9 kandi ngo abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo, nk'uko handitswe hati: “Ni co gituma nzogutazira mu mahanga, Ndirimbe izina ryawe.”
10 Kandi yongera kuvuga ati: “Yemwe banyamahanga ni munezeranwe n'abantu bayo.”
11 kandi arongera ati: “Yemwe banyamahanga mwese, ni mushime Uhoraho, kandi amoko yose amuhimbaze.”
12 Kandi Yesaya na we yaravuze ati: “Hazobaho igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.”
13 Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n'amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera.
14 Bavukanyi, nanje nyene ndazi ivyanyu ntakekeranya, yuko mwuzuye ineza, mwuzuye ubwenge bwose, mushobora no guhanurana.
15 Ariko ndabandikiye hamwe-hamwe ndushirije gushira amanga, nk'ubibutsa, kubwo ubuntu nahawe n'Imana,
16 ngo mbe umukozi akora mu gikoni wa Kristo Yesu ku banyamahanga, ntegure ivyo ubutumwa bwiza bw'Imana nk'umuherezi, kugira ngo abanyamahanga babe ishikanwa rishimwa, ryejejwe na Mpwemu Yera.
17 Nuko mfise ukwirata mu vy'Imana muri Kristo Yesu.
18 Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atari ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngo abanyamahanga bagamburuke, ampaye amajambo n'ibikorwa,
19 n'ubushobozi bw'ibimenyetso bikomeye, n'ibitangaza, n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bwa Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko.
20 Namanye imigabo yo kuvuga ubutumwa bwiza, aho izina rya Kristo ritaribwamenyekane, ngo sinubake kw'umushinge wubatswe n'uwundi;
21 yamara ngo bimere nk'uko handitswe, ngo abatiganiwe ivyiwe bazobibona, Kandi abataravyumva bazovyitegereza.
22 Ni co gituma ngira igisivya kenshi co kuza i wanyu.
23 Ariko noneho ntihakinyagukiye muri ibi bihugu, kandi uhereye mu myaka myinshi nifuza kuza i wanyu,
24 aho nzogira i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobaraba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kugabanya inkumbu ndabafitiye.
25 Ariko ubu ndiko ndaja i Yerusalemu kugaburira abera.
26 Kuko abo i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusororanya ivyo gutabara aboro bo mu bera b'i Yerusalemu.
27 Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namba abanyamahanga basangiye ivyo impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy'umubiri.
28 Ni naheraheza ivyo, maze kubashikiriza neza izo mbuto z'ubuntu, nzovayo, nce i wanyu, nje i Sipaniya.
29 Kandi ndazi yuko aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye.
30 Nuko ndabinginga, bavukanyi, kubwo Umwami wacu Yesu Kristo, no kubwo urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana,
31 nkire abo i Yudaya batayumvira, kandi ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n'abera;
32 mbone uko nza i wanyu nezerewe, Imana ni yabikunda, nduhukane namwe.
33 Imana nyene amahoro ibane namwe mwese. Amina.