Chapter 15
Bavukanyi, ndabamenyesha ubutumwa bwiza, ubwo nababariye, namwe mukabakira, kandi mukabuhagararamwo,
2 kandi mugakizwa na bwo, asangwa mukibufashe nk'uko nabubabwiye, kiretse mwoba mwizereye ubusa.
3 Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk'uko ivyanditswe bivuga,
4 agahambwa, akazuka ku musi ugira gatatu, nk'uko ivyanditswe bivuga;
5 akiyereka Kefa, maze akiyereka bamwe icumi na babiri,
6 akongera akiyerekera hamwe abavukanyi barenga amajana atanu, muri abo abenshi baracariho n'ubu, ariko bamwe barasinziriye.
7 Maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose.
8 Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk'uwavutse atageze.
9 Mbere jewe ndi inyuma y'izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry'Imana.
10 Ariko ubuntu bw'Imana ni bwo bwatumye mba uko ndi, kandi ubuntu bwayo nagiriwe ntibwabaye ubwo ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara ni ubuntu bw'Imana bwari kumwe nanje.
11 Nuko ari jewe ari abo, ivyo ni vyo tubabarira, namwe ni vyo mwizeye.
12 Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebwe bavuga bate yuko ata wuzuka?
13 Asangwa ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka.
14 Kandi asangwa Kristo atazutse, ivyo twigisha n'ivyo ubusa, n'ukwizera kwanyu n'uko ubusa.
15 Natwe twoba tubonetse ko turi abashingira Imana intahe y'ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristo, uwo itazuye, namba abapfuye batazuka.
16 Asangwa abapfuye batazuka na Kristo ntarakazuka.
17 Ariko asangwa Kristo atazutse, ukwizera kwanyu ni uko ubusa, muracari mu vyaha vyanyu.
18 Kandi asangwa bimeze bityo, n'abasinziririye muri Kristo barayogeye.
19 Asangwa muri ubu bugingo bwonyene ari ho twizigirira Kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe.
20 Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abasinziriye.
21 Kuko nk'uko urupfu rwazanywe n'umuntu, n'ukuzuka kw'abapfuye kwazanywe n'umuntu.
22 Nk'uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.
23 Ariko umuntu wese mu mwanya wiwe; arabatangurira, maze aba Kristo bazobonerwa bazuke, aho azozira.
24 Iherezo rizoca rishika, aho azoshikiriza Imana ubwami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukuraho ubukuru bwose, n'ububasha bwose, n'ubushobozi bwose.
25 Kuko ategerezwa guhangama ku butware bwiwe gushitsa aho azoshirira abansi biwe bose musi y'ibirenge vyiwe.
26 Urupfu ni we mumenja w'imperera azoherengetezwa.
27 Kuko handitswe, ngo Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y'ibirenge vyiwe. Ariko ko ivuga iti: “Ahawe kuganza vyose;” biraboneka yuko Iyamuhaye kuganza vyose itabiharurwamwo.
28 Ariko ni yamara gushikirizwa inganji ya vyose, ni ho n'Umwana ubwiwe azoganzwa n'Iyamuhaye inganji ya vyose, ngo Imana ibe vyose muri vyose.
29 Canke ababatizwa mu gishingo c'abapfuye bazobamarira iki? Asangwa abapfuye batazurwa na mba, ni igiki gituma bababatirizwa?
30 Natwe Ni igiki gituma twama turi mw'irinde?
31 Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebwe vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.
32 Asangwa narwaniye n'ibikoko muri Efeso, ndi mu buryo bw' abantu gusa, bimarira iki? Namba abapfuye batazurwa, ni twirire, twinywere, kuko ejo tuzopfa.
33 Ntimuzimire; kubana n'ababi kwonona ingeso nziza.
34 Mwisubireko, mugororoke, ntimukore ivyaha; kuko bamwe batazi Imana. Ndabivugiye kubatetereza.
35 Ariko umuntu yobaza ati: “Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki?”
36 Wa gipfu we, ico ubiba ntikimera kitabanje gupfa.
37 Kandi ico ubiba, ntubiba umutumba uzohaba, ariko ubiba akabuto uko kari, ari nk'ako ingano, canke akandi kose.
38 Ariko Imana igaha umutumba, nk'uko yagomvye, kandi akabuto kose igaha umutumba wako ukwako.
39 Inyama zose si zimwe; izo abantu ziri ukwazo, n'izo ibikoko ziri ukwazo, n'izo inyoni n'ibisiga ziri ukwazo, n'izo ifi ziri ukwazo.
40 Kandi hari imitumba yo kw'ijuru n'imitumba yo kw'isi. Ariko ubwiza bw'iyo kw'ijuru buri ukwabwo; n'ubwo iyo kw'isi buri ukwabwo.
41 Ubwiza bw'izuba buri ukwabwo, n'ubwiza bw'ukwezi buri ukwabwo, n'ubwiza bw'inyenyeri buri ukwabwo: kandi inyenyeri ntinganya ubwiza n'iyindi nyenyeri.
42 N'ukuzuka kw 'abapfuye ni nk'uko. Habibwa ikibora, hazurwa igitabora.
43 Habibwa igikengerwa, hazurwa ico icubahiro. Habibwa ikinyantege nke hazurwa ico inkomezi.
44 Habibwa umubiri w'inyama, hazurwa umubiri w'impwemu. Asangwa hariho umubiri w'inyama hariho kandi n'uwo impwemu.
45 Kandi uko ni ko handitswe, ngo umuntu wa mbere Adamu yabaye uwufise ubugingo; Adamu wo hanyuma yabaye impwemu itanga ubugingo.
46 Ariko ico impwemu si co kibanza, yamara ico inyama ni co kibanza, kigaherukirwa n'ico impwemu.
47 Umuntu wa mbere yandurutse mw'ivu, ni uwo umukungugu. Umuntu wa kabiri yandurutse mw'ijuru.
48 Nk'uko uwo umukungugu ari, ni ko n'abo umukungugu bandi bari. Nk'uko uwo ijuru ari, ni ko n'abo ijuru bandi bari.
49 Kandi nk'uko twambaye ishusho y'uwo umukungugu, ni ko tuzokwambara n'ishusho y'uwo ijuru.
50 Ariko bavukanyi, ico mvuga, yuko abo inyama n'amaraso badashobora kuragwa ubwami bw' Imana, kandi ibibora bitaragwa ibitabora.
51 Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,
52 mu kanya gato, mu kanya nk'ako gukubita ingohe, aho inzumbeti y'iherezo izovugira. Kuko inzumbeti izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa.
53 Kuko uwu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora, kandi uwu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.
54 Ariko, uwu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n'uwu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ngo urupfu rumizwe n'intsinzi.
55 Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?
56 Ivyaha ni vyo ruboyi rw'urupfu, kandi ubushobozi bw'ivyaha n'ivyagezwe.
57 Ariko Imana ishimwe, iduha gutsinda kubwo Umwami wacu Yesu Kristo.
58 Nuko bavukanyi banje nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy'Umwami wacu, kuko muzi yuko ubutame bwanyu atari ubwo ubusa mu Mwami.