Chapter 3
Ku bwanje, bavukanyi, sinshoboye kubabwira nk' abo impwemu, ariko nababwiye nk' abaganzwa n'akameremere k'imibiri yabo, nk'abana b'inzoya bo muri Kristo.
2 Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye; kuko mutaribwabishobore. Kandi na none ntimurabishobora,
3 kuko mukiganzwa n'ivyo akameremere kanyu. Ko muri mwebwe hari ishari n'ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk'abantu?
4 Umuntu umwe ko avuga ati: “Jeho ndi uwa Pahulo,” uwundi ati: “Jeho ndi uwa Apolo, ntimuri abantu se?”
5 None Apolo ni igiki? Kandi Pahulo ni igiki? Mbega si abakozi batumye mwizera Imana, nk'uko Imana yahaye umuntu wese?
6 Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.
7 Nuko uwuzitera nta co amaze, canke uwuzivomera, atari Imana ikuza.
8 Uwuzitera n'uwuzivomera ni bamwe. Ariko umuntu wese azogererwa nk'uko yakoze igikorwa ciwe;
9 kuko Imana ari yo dukorana, namwe muri imirima y'Imana, muri inzu yubakwa n'Imana.
10 Nk'uko nahawe ubuntu n' Imana, nashizeho umushinge, nk'umwubakisha mukuru w'ubwenge, uwundi yubakako. Ariko umuntu wese ni yiyubare uko yubakako.
11 Kuko irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atari iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.
12 Ariko iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishako izahabu, canke ifeza, canke amabuye y'igiciro kinini, canke ibiti, canke ubwatsi, canke ibishakashaka,
13 igikorwa c'umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuko uzohishuranwa n'umuriro, kandi igikorwa c'umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.
14 Igikorwa c'umuntu, ico yubatse kuri iryo tanguriro, ni carama, azohabwa ingero;
15 igikorwa c'umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubwiwe azokira, ariko nk'uwokowe mu muriro.
16 Mbega ntimuzi yuko muri urusengero rw'Imana, kandi ko Mpwemu w'Imana mubana?
17 Umuntu ni yonona urusengero rw'Imana, Imana izomurandura; kuko urusengero rw'Imana ari urwera, kandi urwo rusengero ni mwebwe.
18 Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebwe ni yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy'iki gihe, abe igipfu, kugira ngo abone kuba umunyabwenge.
19 Kuko ubwenge bw'iyi si ari ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngo itegesha abanyabwenge ubugunge bwabo.
20 Kandi ngo Uhoraho arazi ivyiyumviro vy' abanyabwenge, kandi ko bitagira ikimazi.
21 Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ari ivyanyu;
22 ari Pahulo, canke Apolo, canke Kefa, canke isi, canke ubugingo, canke urupfu, canke ibiriho, canke ibizoba, vyose ni ivyanyu,
23 namwe muri aba Kristo, Kristo ni uwo Imana.