Chapter 14
Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mu rusengero rw'Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n'Abagiriki benshi cane bizera.
2 Ariko Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y'abanyamahanga ngo bagirire inabi abavukanyi.
3 Bamara imisi myinshi bavuga batabobotereza kubwo Umwami Yesu, ashingira intahe ijambo ry'ubuntu bwiwe, abaha gukora ibimenyetso n'ibitangaza n'amaboko yabo.
4 Ariko abantu bo muri ico gisagara birema ibice, bamwe baherera ku Bayuda, abandi ku ntumwa.
5 Kandi abanyamahanga, bo n'Abayuda n'abashingantahe babo baja kubatera ngo babagirire nabi babicishe amabuye;
6 barabimenya, bahungira i Lusitira n'i Derube, ibisagara vy'i Lukawoniya, no mu gihugu gihereranye na ho.
7 Bagumayo bavuga ubutumwa bwiza.
8 I Lusitira hari umugabo yari amugaye ibirenge uhereye aho yakaviriye mu nda ya nyina, nta ho yari yarigeze gutambuka.
9 Uwo yumva Pahulo avuga, na we amuhanze amaso abona ko afise ukwizera kwo gukizwa.
10 Avuga n'ijwi rirenga ati: “Haguruka uhagarare neza.” Arasimbasimba, aratambuka.
11 Maze ishengero ribonye ico Pahulo akoze, bavuga n'ijwi rirenga mu Kinyalukawoniya bati: “Imana zitumanukiyemwo zishushanije n'abantu.”
12 Barunaba bamwita Zeyu, Pahulo na we bamwita Herume, kuko ari we yari imvuzi.
13 Maze umuherezi wa Zeyu, ingoro y'umusezero wayo yari imbere y'igisagara, azana impfizi zisharijwe, agira acumite ikimazi, we n'ishengero.
14 Ariko intumwa, Barunaba na Pahulo, bavyumvise, bitaburirako impuzu zabo, bitera mu bantu, basemerera
15 bati: “Yemwe bagabo, ni iki gitumye mugira mutyo? Natwe turi abantu basanzwe, tumeze nkamwe, kandi tubabwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru, isi, ikiyaga n'ibirimwo vyose,
16 ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.
17 Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw'ijuru, n'ibihe vy'umwimbu mwiza, ibahaza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.”
18 Aho bavuga ayo majambo, hari hasigaye gatoya ntibabe bakibuza ishengero kubacumitira ikimazi.
19 Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Pahulo amabuye, bamukwegera inyuma y'igisagara, bagira ngo yapfuye.
20 Ariko abigishwa bahagaze bamukikije, aravyuka, aja mu gisagara; bukeye bw'aho avanayo na Barunaba, aja i Derube.
21 Bamaze kuvuga ubutumwa bwiza muri ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira, muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,
22 baremesha imitima y'abigishwa, babahanura ngo bagume mu kwizera; kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bwami bw'Imana.
23 Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.
24 Baca i Pisidiya, bashika i Pamfiliya.
25 Bamaze kuvuga ijambo ry'Imana i Peruga baramanuka baja muri Ataliya;
26 bavayo bari mu bwato bafata muri Antiyokiya, aho bari barazigamishirijwe ubuntu bw'Imana ubwa mbere ku gikorwa baheraheje.
27 Bashitseyo bakoranya ishengero, babiganira ivyo Imana yakoranye na bo vyose, n'ingene yugururiye abanyamahanga umuryango rwo kwizera.
28 Bamarana n'abigishwa igihe kitari gito.