Kirundi Bible

Ivyakozwe N'intumwa

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24 25 26 27 28

Chapter 26

Agiripa abarira Pahulo ati: “Uremerewe kwiregura.” Maze Pahulo agorora ukuboko, ariregura
2 ati: “Ivyo narezwe n'Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nezerewe ko ari wewe ngira ndavyiregureko uwu musi;
3 kandi canecane kuko uzi imigenzo n'impari vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.
4 Ingeso zanje, uhereye mu buto bwanje, izo narukanye mu bwoko bwacu n'i Yerusalemu, Abayuda bose barazizi.
5 Kandi bokwemera kubishingira intahe, baranzi, uhereye mu bihe vya kera, yuko nari Umufarisayo wo mu muce urusha iyindi yo mw'idini yacu gushimikira imigenzo.
6 None mpagaze ngo ncirwe urubanza, kuko nizigira kuzobona ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza,
7 ivyo ubwoko bwacu icumi na bubiri bwizigira kuzobona, bukorera Imana bushizeko umwete mwinshi ku murango no mw'ijoro. Kandi ni kubwo ivyo vyizigiro ndezwe n'Abayuda, databuja!
8 Ni igiki gituma mugira ngo ni ikintu kitoruha cemerwa ko Imana izura abapfuye?
9 Nanje ubwanje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.
10 Kandi ivyo narabikora nyene ndi i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n'abaherezi bakuru, kandi aho babica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.
11 No mu nsengero z'Abayuda yose nabahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane ndabazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy'abanyamahanga.
12 Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n'abaherezi bakuru.
13 Nuko databuja, nkigenda mu mashoka, mbona umuco uvuye mw'ijuru, urusha uko izuba rica ibibatsi, unkayanganira irya n'ino, twe n'abo tugendanye.
14 Twese twikubise hasi, numva ijwi rimbwira mu rurimi rw'Igiheburayo riti: “Sawuli, Sawuli, umpigira iki? Erega birakugoye gutera imigere ku mihunda.”
15 Nanje ndabaza nti: “Uri nde ga Mwami?” Umwami aranyishura ati: “Ndi Yesu, uwo uriko urahiga.”
16 Ariko va hasi, hagarara n'ibirenge vyawe, kuko igitumye nkwiyereka, ari ukugira ngo ngutoranye nkugire umukozi wanje n'icabona co gushingira intahe ivyo umbonanye, n'ivyo nzokwiyerekeramwo;
17 ndagukize abo muri ubu bwoko bo n'abanyamahanga, ni bo ndagutumyeko,
18 kubahumura amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bwa Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n'abejejwe n'ukunyizera.
19 Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw'ijuru.
20 Ariko nabanje kubwira abo i Damasiko hanyuma abo i Yerusalemu, n'abo mu gihugu cose c'i Yudaya, n'abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n'ukwihana.
21 Ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero, bakageza kunyica.
22 None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n'ubu, nshingira intahe aboroshe n'abahambaye, nta kindi mvuga atari ivyo abavugishwa n'Imana na Mose bavuze ko bizoba,
23 yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi ko ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubwira ubwoko bwacu n'abanyamahanga ubutumwa bw'umuco.
24 Aciregura atyo, Fesito avuga n'ijwi rirenga ati: “Erega Pahulo urasaze; ubwenge bwawe bwinshi buragushajije.”
25 Pahulo aramwishura ati: “Sinsaze, Fesito umwubahwa, ariko mvuga amajambo y'ukuri kandi aroranye.”
26 Umwami arazi ivyo neza, kandi ndamubarira nshize amanga; kuko nzi yuko ata na kimwe muri ivyo ahishijwe, kuko ivyo bitakorewe mu mfuruka.
27 Mwami Agiripa, uremeye ivyo abavugishwa n'Imana? Ndazi yuko uvyemeye.
28 Agiripa yishura Pahulo ati: “Unkwegesha ivyo bike ngo umpindure Umukristo?”
29 Pahulo ati: “Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yuko atoba wewe wenyene, ariko n'abanyumva uwu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukuye iyi minyororo.”
30 Umwami ahagurukana n'icegera ca Kayisari na Berenike, n'abari bicaranye na we;
31 maze basohotse baravugana bati: “Nta co uwu muntu yakoze gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.”
32 Agiripa abarira Fesito ati: “Uwu muntu aba arekuwe, iyo ataba yari agomvye kuzokwitwara kuri Kayisari.”

« Chapter 25 Chapter 27 »