Chapter 15
Maze haza abantu bamwe bavuye i Yudaya bigisha abavukanyi bati: “Ni mutahimburwa igihimba c'ubugabo, nk'uko umugenzo wa Mose uri, ntimuzoruha mukizwa.”
2 Maze Pahulo na Barunaba bamaze kugira ibihari n'imburano itari mike n'abo bantu, abaho bahuza inama gutuma Pahulo na Barunaba n'abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n'abakuru ku bwo iyo miburano.
3 Nuko abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n'i Samariya, babamenyesha ingene abanyamahanga bahindukiriye Imana, batera mu bavukanyi bose akanyamuneza kenshi.
4 Bashitse i Yerusalemu, ishengero n'intumwa n'abakuru barabakira, na bo babiganira ivyo Imana yakoranye na bo vyose.
5 Maze hava hasi bamwe bo mu muce w'Abafarisayo bizeye, baravuga bati: “Abanyamahanga birakwiye ko bahimbuwe igikoba c'ubugabo, no kubabwiriza kwitondera ivyagezwe vya Mose.”
6 Nuko intumwa n'abakuru bakoranira hamwe kuja inama y'iryo jambo.
7 Habaye imburano myinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bagabo bavukanyi, murazi yuko kera Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mu kanwa kanje habe ari ho abanyamahanga bumva ijambo ry'ubutumwa bwiza, bizere.
8 Kandi Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk'uko yamuduhaye natwe;
9 ntiyashiraho itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.
10 None rero ni iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batashoboye kwikorera canke twebwe?
11 Ariko twizeye yuko tuzokizwa n'ubuntu bw'Umwami Yesu nka bo.”
12 Maze ishengero ryose riracereza, bumviriza Barunaba na Pahulo babiganira ibimenyetso n'ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga.
13 Barangije kuvuga, Yakobo aravuga ati: “Bagabo bavukanyi, ni munyumvirize.
14 Simoni yabiganiye ingene Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngo ibarobanuremwo ubwoko bw'izina ryayo.
15 Amajambo y'abavugishwa na yo ahuye n'ivyo, nk'uko handitswe,
16 ngo Hanyuma y'ivyo nzogaruka, Nongere nubake urusago rwa Dawidi rwatemvye, Nongere nsanasane ahashize harwo, ndaruhagarike,
17 Kugira ngo amasigarira y' abantu baronderane Uhoraho N'amahanga yose yitirirwa izina ryanje,
18 Ni ko Uhoraho avuze, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw'isi.
19 Nuko rero inama yanje ni uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana,
20 ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy'ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n'amaraso.
21 Kuko uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu nsengero z'Abayuda uko isabato ishitse.”
22 Maze intumwa n'abakuru, bo n'ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru mu bavukanyi, no kubatumana muri Antiyokiya na Pahulo na Barunaba.
23 Bandika ikete, bararibarungikana, ryanditswe ritya, ngo intumwa n'abavukanyi bakuru turabatasha mwebwe bavukanyi bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya, i Siriya n'i Kilikiya.
24 Kuko twumvise yuko bamwe bavuye muri twebwe babahagarikishije imitima amajambo, bakayivyimvya, kandi tutabibageze;
25 duhuje inama, dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebwe n'abo dukunda Barunaba na Pahulo,
26 abantu bahevye amagara yabo kubwo izina ry' Umwami wacu Yesu Kristo.
27 Nuko abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubwabo bazobabarira mu rurimi bimwe n'ibi.
28 Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe ni uko, kutabikoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye;
29 mureke kurya ivyashikaniwe ibigirwamana, amaraso, n'ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganuke.
30 Nuko abo basezewe bamanuka muri Antiyokiya; bamaze gukoraniriza hamwe ishengero, babashikiriza kino cete.
31 Bamaze kugisoma banezererwa iyo mpanuro.
32 Na Yuda na Sila, kuko na bo bari abavugishwa n'Imana, bahanura abavukanyi mu majambo menshi, barabaremesha.
33 Bahamaze imisi, abavukanyi babasezera amahoro, ngo basubire ku babatumye. [
34 Mugabo Sila bimubera vyiza kugumayo.]
35 Kandi Pahulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababwira ijambo ry' Umwami Yesu, bafatanije n'abandi benshi.
36 Hashize imisi, Pahulo abwira Barunaba ati: “Ingo dusubire ha handi tugendere mu bavukanyi mu gisagara cose aho twamamaje ijambo ry'Umwami Yesu, tumenye uko bameze.”
37 Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko.
38 Ariko Pahulo ntivyamubera vyiza kujana uwabataye i Pamfiliya, ntajane na bo muri ico gikorwa.
39 Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bwato, afata i Kupuro;
40 Pahulo na we atoranya Sila, avayo, mu bavukanyi bamaze kumuragiza ubuntu bw'Umwami Yesu.
41 Aca i Siriya n'i Kilikiya, aremesha amashengero.