Chapter 11
Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n'ubwo muranyihanganira.
2 Ndabafitiye ishari ryo kubwo Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk'inkumi itunganye.
3 Ariko ndiyubara yuko, nk'uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n'ukwera mu vya Kristo.
4 Kuko iyo hagize uwuza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutababariye, canke iyo mwakiriye iyindi mpwemu mutakiriye, canke ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!
5 Kuko nibwira yuko izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya.
6 Naho ndi igihwiji mu majambo, sindi igihwiji mu bwenge, kandi ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.
7 Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, ndababwiye ubutumwa bwiza bw'Imana ku busa?
8 Nasahuye ayandi mashengero ndayaka ingero, kugira ngo nkorere mwebwe,
9 kandi aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngora; kuko abavukanyi bavuye i Makedoniya Bamaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.
10 Uko ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, nta wuzombuza kwirata ntyo mu ntara zo muri Akaya.
11 Ni ku ki? Ni uko ntabakunda? Bizi Imana.
12 Ariko ivyo nkora nzoshishikara kubikora, kugira ngo mbuze inyanduruko abagomba inyanduruko yo kuboneka nkatwe mu vyo birata.
13 Abameze batyo n'intumwa z'ibinyoma, n'abakozi bagunga, bigira intumwa za Kristo.
14 Kandi ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yigira umumarayika w'umuco.
15 Nuko si ikigoye ko abakozi biwe na bo bigira nk'abakozi b'ukugororoka; iherezo ryabo rizohwana n'ibikorwa vyabo.
16 Kandi nongere kubivuga. Ntihagire uwunyiyumvira ko ndi igipfu. Ariko ni mwaramuka munyiyumviriye mutyo, munyemere nk'igipfu, kugira ngo nanje nirate gatoya.
17 Ivyo mvuga sindabivuga nk'ijambo ry'Umwami wacu, ariko ndabivuga nk'uwuvugishwa n'ubupfu, nizigiye yuko mfise inyanduruko yo kwirata.
18 Ko benshi birata ivyo umubiri, reka nanje nyene ndavyirate.
19 Mwihanganira ibipfu munezerewe, kuko mwibereye abanyabwenge.
20 Murihangana, iyo umuntu abagize abaja, iyo abariye, iyo abafashe, iyo yishize hejuru, iyo abakubise urushi.
21 Ndabivuganye isoni; bisa n'aho tweho twabagizemwo intege nke. Ariko ikintu cose gitera umuntu gushiruka umwete (ndabivugishijwe n'ubupfu) nanje kirabintera.
22 Mbega abo ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni uruvyaro rwa Aburahamu? Nanje ndi rwo.
23 Ni abakozi ba Kristo? (Mvuga nk'umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero; kenshi nari mw'irinde ry'urupfu.
24 Abayuda ibihe bitanu bankubise ibimoko mirongo itatu n'icenda.
25 Ibihe bitatu nakubiswe ingage; igihe kimwe natewe amabuye; ibihe bitatu ubwato bwaramenekanye, naraye mu kiyaga nirirwaho;
26 nari mu ngendo kenshi, mw'irinde ry'inzuzi, mw'irinde ry'abambuzi, mw'irinde ry'ubwoko bwacu, mw'irinde ry'abanyamahanga, mw'irinde ryo mu bisagara, mw'irinde ryo mu bugaragwa, mw'irinde ryo mu kiyaga, mw'irinde ryo mu bigira bavukanyi;
27 mu butame no mu bucumukure, ndara maso kenshi, ngira inzara n'inyota, mara ubusa kenshi, nicwa n'imbeho, nambara ubusa.
28 Kandi ntarinze kuvuga ibindi, hari ikinzako uko bukeye, n'umwitwaririko w'amashengero yose.
29 Ni nde adakomera, nanje simbe uwudakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?
30 Namba nkwiye kwirata, nirata ivyo intege nke zanje.
31 Imana y'Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha.
32 I Damasiko icegera c'umwami Areta carindishije igisagara c'Abanyadamasiko ngo bamfate.
33 Bancisha mu kadirisha k'uruhome rw'amabuye, ndi mu gisangaza, ndahunga ndamuva mu maboko.