Chapter 2
Ariko nagabiye mu mutima kutazogaruka i wanyu nzanye umubabaro.
2 Ni nabatera umubabaro, uwuzonezereza ni nde? Si uwo nteye umubabaro nyene?
3 Kandi nandikiye ivyo, kugira ngo aho nzozira sinterwe umubabaro n'abari bakwiye kunezereza; kuko ndabizigira mwese yuko umunezero wanje ari wo wanyu mwese.
4 Nabandikiye mfise intuntu nyinshi, umutima wamvuyemwo, ndira amarira menshi; ntikwari ukugira ngo muterwe umubabaro mwebwe, ariko kwari ukugira ngo mumenye urukundo ndushiriza kubagirira.
5 Ariko namba hari umuntu ateye umubabaro, si jewe awuteye, ariko ni mwebwe awuteye mwese—singomba kubababaza cane, ariko bamwe ni agace.
6 Ico gihano abenshi bamuhanye, kiramaze k'uwumeze atyo.
7 None ni co gituma mukwiye canecane kumuharira, no kumwirura, ngo uwumeze atyo ntarengerwe n'umubabaro usagutse.
8 Nuko ndabinginga mumukomezeko urukundo.
9 Kuko icanteye kubandikira ari iki: kwari ukugira ngo ndabageze, menye uko muri, ko munyumvira muri vyose.
10 Ariko uwo muribuharire wese, nanje ndamuharira; kuko nanje ico mpariye, namba hari ico mparira, ndagihariye ku bwanyu, mu maso ya Kristo,
11 kugira ngo Satani ntaronke ico adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.
12 Ariko aho naja i Tirowa, njanywe n'ubutumwa bwiza bwa Kristo, ngasanga nugururiwe urugi mu Mwami wacu;
13 nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito umuvukanyi wanje. Nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.
14 Ariko Imana ishimwe, yama itujana nk'abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bwo kumumenyekanisha ahantu hose.
15 Kuko turi ubumote bwiza bwa Kristo ku Mana, hagati y'abariko barakira n'abariko barahona.
16 Kuri abo turi agacuku k'urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi turi ubumote bw'ubugingo buzana ubugingo. kandi ivyo ni nde abishobora?
17 Kuko tutari nka bamwe benshi, bacururisha ijambo ry'Imana, ariko tuvuga nk'abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y'Imana.