Kirundi Bible

2 Korinto

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13

Chapter 13

Ubu bugira bube ubwa gatatu nza i wanyu. Ijambo ryose rizoringanizwa bivuye mu kanwa k'ivyabona bibiri canke bitatu.
2 Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntari iyo ni ko ndabivuga bitaraba, ndabarira abacumuye kera n'abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe;
3 kuko murondera ikimenyetso co kwerekana yuko Kristo ari we amvugisha, umwe atari umunyantege nke kuri mwebwe, ariko agira ubushobozi hagati yanyu.
4 Kuko intege nke zateye ko abambwa, ariko none ariho ku bwo ubushobozi bw'Imana. Natwe turi abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubwo ubushobozi bw'Imana tubereyeho mwebwe.
5 Ba ari mwebwe mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebwe mwiraba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebwe? —kiretse ko mwoba muri abahinyuwe!
6 Ariko nizigiye yuko muzomenya ko tweho tutari abahinyuwe.
7 Kandi turasaba Imana ngo ntimugire ikibi mukora, si ukugira ngo tuboneke ko turi abemewe, ariko ni ukugira ngo mukore iciza, natwe tuboneke nk'abahinyuwe.
8 Kuko tudashobora kurwanya ukuri, ariko duherereye mu ruhande rw'ukuri.
9 Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi; kandi ico dusaba ngiki, ni uko mutunganywa rwose.
10 Ni co gitumye ndabandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe sinzohambare, nk'uko nahawe ububasha n'Umwami wacu bwo kwubaka, ariko si ubwo gusambura.
11 Ibisigaye bavukanyi, muganuke; mutungane rwose, mwemere guhanurwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana nyene urukundo n'amahoro izobana namwe.
12 Muramukanishe kugumbirana kwera.
13 Abera bose barabaganutsa.
14 Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo, n'urukundo rw' Imana, n'ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.

« Chapter 12