Chapter 11
Yesu arangije gutuma abigishwa biwe icumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivyo Imana mu bisagara vyabo.
2 Ariko Yohana ari mu nzu y'imbohe, yumva ivyo Kristo akora, atuma abigishwa biwe kumubaza
3 ati: “Mbega uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?”
4 Yesu arabishura ati: “Ni mugende mubarire Yohana ivyo mwumva n'ivyo mubona.”
5 Impumyi zirahumuka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.
6 Kandi Harahiriwe uwo ivyanje bitazotsitaza.
7 Abo bagiye, Yesu atangura kubwira ishengero ivya Yohana ati: “Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki?” Mbega ni irenga rihungabanywa n'umuyaga?
8 Ariko mwagiye kuraba iki? Mbega ni umuntu yambaye impuzu z'igiciro? Erega abambaye impuzu z'igiciro baba mu ngo z'abami.
9 Ariko mwajanywe ni igiki? Mbega kwari ukuraba umuntu avugishwa n'Imana? Ego me ni co; kandi ndababwire, aruta uwuvugishwa n' Imana cane.
10 Uwo ni we yanditswe, ngo umve ngira ntume intumwa yanje imbere y'amaso yawe, Ikuroranirize inzira imbere yawe.
11 Ndababwire ukuri; Mu bavyawe n'abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi. Ariko umutoya mu bwami bwo mw'ijuru aramuruta.
12 Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n'ubu baraharanira ubwami bwo mw'ijuru, ababuharanira babunyakurisha ubuhizi.
13 Kuko abavugishwa n' Imana bose bavugishijwe, bo n'ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana,
14 kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo ni we Eliya yavuzwe ko azoza.
15 Uri n'amatwi yumva, ni yumve.
16 Ariko abo uru ruvyaro ndabagereranye ni igiki? Basa n'abana bicaye mw'idandarizo, bahamagara abavukanyi babo
17 bati: “Twavugije imyironge ntimwatamba; twakomye induru, ntimwaboroga.”
18 Kuko Yohana yaje, atarya, atanywa, bavuga bati: “Ahagazweko na dayimoni.”
19 Umwana w'umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati: “Nguwu umukunzi w'inda n'umunoho w'umuvinyu, incuti y'abatozakori n'abanyavyaha.” Kandi ubwenge burangwa ko bugororotse n'ibikorwa vyabwo.
20 Buno atangura guhambarira ibisagara yakoreyemwo ibikomeye vyinshi, kuko batihanye.
21 Ati: “Uzobona ibara Korazini; uzobona ibara Betsayida; kuko ibikomeye vyakorewe muri mwebwe iyo biba vyarakorewe muri Tiro n'i Sidoni, baba barihanye kera, bakambara amagunira, bakisiga iminyota.”
22 Ariko ndababwire; muri Tiro n'i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w'imanza kurusha mwebwe.
23 Nawe, Kaperinawumu, mbega uzoshirwa hejuru ushike kw'ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kuko ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho gushika n'ubu.
24 Ariko ndababwira yuko igihugu c'i Sodomu kizogira agahengekezo ku musi w'imanza kurusha wewe.
25 Muri ico gihe Yesu aravuga ati: “Ndaguhimbaza, Data, Mwami w'ijuru n'isi, kuko ivyo wabihishije abanyabwenge n'abahanga, ukabihishurira inzoya.”
26 Ego me, Data, kuko washimye ko biba bityo imbere yawe.
27 Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atari Umwana, n'uwo Umwana agomba kumuhishurira.
28 Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n'abaremerewe, ndabaruhura;
29 mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko ndi umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bw'imitima yanyu.
30 Kuko ingata yanje itababaza, n'umutwaro wanje uhwahutse.