Chapter 26
Yesu arangije ayo majambo yose, abwira abigishwa biwe
2 ati: “Murazi yuko imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kandi Umwana w'umuntu azotangwa abambwe.”
3 Maze abaherezi bakuru n'abakuru b'ubwo bwoko bakoranira mu rugo rw'umuherezi mukuru yitwa Kayafa,
4 baja inama yo guhenda Yesu ngo bamufate, bamwice.
5 Ariko bati: “Ntitumufate mu misi mikuru, ntihavyuke umugumuko mu bantu.”
6 Yesu ari i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe,
7 umugore aza kuri we afise ikebano ry' amavuta atamirana y'igiciro kinini cane, ayamusuka ku mutwe, ariko ararya.
8 Ariko abigishwa babibonye, baritonganya bati: “Mbega ubu buhombe ni ubwo iki?
9 Aya yoshoboye kugurwa vyinshi bigahabwa aboro.”
10 Yesu avyumvise arababwira ati: “Mubabariza iki uwu mugore? Ankoreye igikorwa ciza.
11 Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.
12 Igitumye ansukako ayo mavuta ku mubiri ni ukuntegurira guhambwa.
13 Ndababwire ukuri, aho ubu butumwa bwiza buzovugwa hose mw'isi yose, n'ico uwu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe.”
14 Maze umwe muri bamwe icumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru,
15 arababaza ati: “Mwompera iki, nkazomubaronkera?” Bamugerera intete z'ifeza mirongo itatu.
16 Aherako arondera uburyo bwo kumubaronkera.
17 Ku musi wo gutangurirako kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza bati: “Ugomba ko tugutegurira hehe aho uriburire ivya Pasika?”
18 Arabishura ati: “Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire ko umwigisha avuze ngo igihe ciwe kiregereje, 'agira asangirire ivya Pasika n'abigishwa biwe i wawe.”
19 Abigishwa bagira nk'uko Yesu yababariye, bategura ivya Pasika.
20 Bugorovye, yicarana n'abigishwa biwe icumi na babiri ngo basangire.
21 Bariko bararya, arababwira ati: “Ndababwira ukuri yuko umwe muri mwebwe agira angurishe.”
22 Barababara cane, batangura kumubaza umwumwe bati: “Ni jewe ga Mugenzi?”
23 Arabishura ati: “Uwo duhuje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angurisha.”
24 Umwana w'umuntu agira agende, nk'uko vyanditswe kuri we; ariko uwo muntu agurisha Umwana w'umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atavutse.
25 Yuda amugurisha aramubaza ati: “Ni jewe ga Mwigisha?” Na we ati: “Ni wewe uvyivugiye.”
26 Bariko bararya, Yesu yakira umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa ati: “Ni mwakire, murye, uwu ni umubiri wanje.”
27 Yakira igikombe, agishimira Imana, arakibaha ati: “Ni mukinywereko mwese,
28 kuko iki ari amaraso yanje y'isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.
29 Ariko ndababwira yuko uhereye none ntazokwongera kunywa kuri izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bwami bwa Data.”
30 Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono.
31 Maze Yesu arababwira ati: “Mwebwe mwese muri iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z'umukuku zisanzare.”
32 Ariko ni namara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya.
33 Maze Petero aramwishura ati: “Ivyawe naho vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.”
34 Yesu aramubwira ati: “Ndakubwira ukuri yuko muri iri joro inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.”
35 Petero aramubwira ati: “Naho noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana.” N'abigishwa bose bavuga batyo.
36 Maze Yesu ashikana na bo ahantu hitwa i Getsemane, abwira abigishwa biwe ati: “Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga.”
37 Ajana Petero n'abana ba Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane.
38 Arababwira ati: “Umutima wanje uri n'akabonge kagomba kunyica, ba muragumye aha, mubane maso nanje.”
39 Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga ati: “Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindengane; ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
40 Agaruka ku bigishwa, asanga basinziriye, abaza Petero ati: “Ubwo ntimurushe mubana maso nanje n'isaha n'imwe?
41 Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, ariko umubiri ufise intege nke.”
42 Yongera kugenda ubwa kabiri, arasenga ati: “Data, asangwa bidashoboka yuko iki kindengana, kiretse ndakinywereyeko, ni bibe nk'uko ugomba.”
43 Yongera kugaruka asanga basinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe.
44 Yongera kubasigaho, aragenda, asenga ubwa gatatu, avuga amajambo nk'amwe ya mbere.
45 Maze agaruka ku bigishwa, arababarira ati: “Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Ehe igihe kirashitse, Umwana w'umuntu ashizwe mu maboko y'abanyavyaha.
46 Ni muvyuke, tugende, ehe uwungurishije ari hafi.”
47 Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, araza, azananye n'igitero cinshi, kizanye inkota n'amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n'abashingantahe b'ubwo bwoko.
48 Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we; mumufate.”
49 Ako kanya Yuda ashikira Yesu, aramubwira ati: “Ni amahoro ga Mwigisha?” Maze aramusomagura.
50 Yesu aramubarira ati: “Mugenzi wanje, ikikuzanye ni ugikore.” Buno baraza, bashorera amaboko kuri Yesu, baramufata.
51 Maze umwe mu bari kumwe na Yesu atuma ukuboko, asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
52 Buno Yesu aramubarira ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kuko ababanguye inkota bose bazokwicwa n'inkota.”
53 Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika barega legiyono icumi na zibiri?
54 None ivyanditswe vyoshika bite ko ari ko bikwiye kuba?
55 Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero ati: “Mbega muje kumfata nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?”
56 Ariko ivyo vyose bibaye, kugira ngo ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana bishike. Buno abigishwa bose baramuta, barahunga.
57 Abafashe Yesu bamujanye kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe bari bakoraniye.
58 Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw'umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n'abagendanyi ngo arabe amaherezo.
59 Abaherezi bakuru n'abashingantahe b'amasentare bose baronderera Yesu ibirego vy'ibinyoma, ngo babone ingene bomwica.
60 Ariko barabibura, naho haje abigize ivyabona benshi. Ubuheruka haza babiri
61 bati: “Uwo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw'Imana, akarwubaka mu misi itatu.”
62 Umuherezi mukuru arahaguruka, aramubaza ati: “Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?”
63 Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubwira ati: “Ndakurahiye Imana nzima, tubarire ko ari wewe Kristo, Umwana w'Imana.”
64 Yesu aramwishura ati: “Uravyivugiye; yamara ndababwira yuko uhereye ubu muzobona Umwana w'umuntu yicaye i buryo bw'Ububasha, aje mu bicu vyo kw'ijuru.”
65 Buno umuherezi mukuru yitabagurirako impuzu ziwe ati: “Ararogose; turacaronderera iki ivyabona? Ehe muriyumviye ingene arogose;
66 mubivuga kw'iki?” Na bo baramwishura ko akwiye gupfa.
67 Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubingura
68 bati: “Yewe Kristo, dupfindure, ni nde agukubise?”
69 Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza aho ari iti: “Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya.”
70 Na we abihakanira mu maso ya bose ati: “Ico uvuze sindanakizi.”
71 Yungururije mu bikingi vy'irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abari aho iti: “N'uwu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti.”
72 Yongera kubihakana arahira ati: “Uwo muntu sindanamuzi.”
73 Hahise akanya, abahagazeho baramwegera, babwira Petero bati: “Ni ivyo ukuri nawe uri uwo muri bo; bitayeko n'imvugo yawe iraguhinyuza.”
74 Buno atangura kurahira arisiba ati: “Uwo muntu sindanamuzi.” Uwo mwanya inkoko irabika;
75 Petero yibuka ijambo Yesu yamubwiye ati: “Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu.” Arenga irembo, araturika ararira.