Chapter 14
Muri ico gihe umwami Herode yumva inkuru za Yesu.
2 Abwira abagendanyi biwe ati: “Uwo ni Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye; ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.”
3 Kuko Herode yari yarafashe Yohana, akamuboha, akamushira mw'ibohero kubwa Herodiya, muka Filipo mwene se.
4 Kuko Yohana yari yarabwiye Herode ati: “Ni ikizira ko umurongoye.”
5 Yagomba kumwica, ariko atinya abantu, kuko bamwiyumvira ko ari umuntu avugishwa n'Imana.
6 Umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode ushitse, umukobwa wa Herodiya atambira hagati ya bose, anezereza Herode.
7 Ni co catumye amwemerera amurahiye ko amuha ico yomusaba cose.
8 Na we amaze kwoshwa na nyina aramusaba ati: “Mpera ngaha ku mubehe umutwe wa Yohana Umubatizi.”
9 Buno umwami arijirwa; ariko kubwa za ndahiro, no kubwo abasangira na we, abwiriza ko bawumuha;
10 atuma mw'ibohero ngo bace izosi Yohana.
11 Bazana umutwe ku kibehe, bawuha wa mwigeme, awushira nyina.
12 Abigishwa biwe baraza, bajana ikiziga, baragihamba, maze baja kubikira Yesu.
13 Yesu avyumvise, arahava, agenda mu bwato, aja ahantu h' agahinga kwihererayo. Ishengero rivyumvise, riva mu bisagara, rimukurikira rijanye inkokoro
14 Avuye mu bwato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.
15 Bugorovye, abigishwa baramwegera bati: “Mbega hano hantu ko ari mu gahinga, kandi bukaba buriko burira, sezera abantu baje mu mihana kwirondererayo ivyo kurya.”
16 Yesu arababwira ati: “Ntibarinda kugenda. Ni mube ari mwebwe mubagaburira.”
17 Baramwishura bati: “Nta vyo dufise hano atari udutsima dutanu n'udufi tubiri.”
18 Na we ati: “Ni mubinzanire hano.”
19 Abwira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yakira ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, araba mw'ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero.
20 Bararya bose, barahaga. Begeranya utumanyagu tw'imisigazwa twuzura ibiseke icumi na bibiri.
21 Kandi abariye bari abagabo nk'ibihumbi bitanu, ukuyemwo abagore n'abana.
22 Uwo mwanya agobera abigishwa ngo batambukire mu bwato babe barajabuka hakurya, nawe abanze gusezera ishengero.
23 Ahejeje gusezera ishengero, aduga umusozi gusenga yiherereye. Bwagorovye ariyo ari wenyene gusa.
24 Ubwato bushitse hagati mu kiyaga, bari batamijwe n'imipfunda, kuko umuyaga wari ubaturutse imbere.
25 Buri mu guca, aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga.
26 Abigishwa bamubonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, basimbwa n'umutima bati: “Ni igihume; bahindishwa agashitsi n'ubwoba.”
27 Uwo mwanya Yesu arababwira ati: “Humura, ni jewe, ni mureke gutinya.”
28 Petero aramwishura ati: “Mushingantahe, asangwa ari wewe, mbarira nze aho uri ku mazi.”
29 Na we ati: “Ngo.” Petero yururuka mu bwato, agendesha amaguru ku mazi, ngo aje aho Yesu ari.
30 Abonye igihuhuta, aratinya, atanguye kuroka aratakamba ati: “Ntabara Mugenzi.”
31 Buno Yesu agorora ukuboko, aramucakira, aramubwira ati: “Yewe w'ukwizera guke, ni igiki cagukekeranishije?”
32 Buriye mu bwato, umuyaga uraca.
33 Abari mu bwato baramupfukamira bati: “Ni ukuri uri Umwana w'Imana.”
34 Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntara y'i Genesareti.
35 Abantu b'aho hantu baramumenya, batumatumanako muri ico gihugu cose, bamuzanira abarwaye bose,
36 baramwinginga ngo bakore ku buyonga bw'impuzu yiwe gusa, ababukozeko bose barakira.