Kirundi Bible

Matayo

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24 25 26 27 28

Chapter 15

Maze Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza
2 bati: “Ni kuki abigishwa bawe barenga imigenzo twabwirijwe n'aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?”
3 Na we arababaza ati: “None mweho, ni igiki catumye murenga icagezwe c' Imana ku bwo imigenzo yanyu?”
4 Kuko Imana yavuze iti: “Wubahe so na nyoko;” kandi iti: “Uwututse se canke nyina ntazobure kwicwa.”
5 Ariko mweho, mugira muti: “Umuntu wese abwira se canke nyina ko ico yari kumufashisha ari co azoshikanira Imana,
6 ntiyubahe se canke nyina.” None mwatituye ijambo ry'Imana ku bwo imigenzo yanyu.
7 Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n'Imana kuri mwebwe
8 ati: “Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Ariko imitima yabo iri kure yanje.”
9 Bansengera ubusa, Kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n'abantu.
10 Ahamagara ishengero araribwira ati: “Ni mwumve, mubitahure.
11 Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; ariko ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.”
12 Buno abigishwa baramwegera, baramubarira bati: “Urazi yuko Abafarisayo bumvise iryo jambo bakavunika umutima?”
13 Arabishura ati: “Icatewe cose kidatewe na Data wo mw'ijuru atateye, kizorandurwa.”
14 Ni mubareke! Ni impumyi zijana izindi. Ariko impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.
15 Petero Aramwishura ati: “Dusobanurire uwo mugani.”
16 Na we aramubaza ati: “Mbega namwe muracari imburabwenge?
17 Ntimutahura yuko ikintu cose kigiye mu kanwa kija mu nda kigaca mu nzira yaryo?
18 Ariko ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya.
19 Kuko mu mutima havamwo ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubwivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.
20 Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.”
21 Yesu arahava, aja hafi muri Tiro n'i Sidoni.
22 Umunyakananikazi ava mu ntara yaho aratakamba ati: “Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi, umukobwa wanje afashwe nabi na dayimoni.”
23 Na we ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baza kuri we, baramwinginga bati: “Murungike, kuko agenda aratuvugiriza induru inyuma.”
24 Arabishura ati: “Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z'inzu ya Isirayeli.”
25 Uwo Munyakananikazi amushikiriye aramupfukamira ati: “Ntabara se Mugenzi.”
26 Yesu aramwishura ati: “Si vyiza gufata umutsima w' abana ukawuterera utubwa.”
27 Na we ati: “Nka ko, Mugenzi, kuko utubwa na two twirira utuvunguka dukorokera musi y'imeza ya ba nyene two.”
28 Buno Yesu aramwishura ati: “Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje; bikubere nk'uko ugomba.” Umukobwa wiwe aca akira uwo mwanya.
29 Yesu arahava, aja ku kiyaga c'i Galilaya, aduga umusozi, yicaraho.
30 Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira, ibimuga, impumyi, ibiragi, n'abandi benshi, babashira imbere y'ibirenge vyiwe, arabakiza.
31 Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga, ibimuga bikomera, abacumbagira bagenda neza n'impumyi zibona; bahimbaza Imana y'Abisirayeli.
32 Yesu ahamagara abigishwa biwe ati: “Ishengero rinteye akagongwe, kuko uwu ari umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwire isari mu nzira.”
33 Abigishwa baramubaza bati: “Twokura hehe muri ubu bugaragwa imitsima ingana ityo yo guhaza iri shengero ringaho?”
34 Yesu arababaza ati: “Mufise imitsima ingahe?” Na bo bati: “Ni indwi, n'udufi dukeya.”
35 Abarira ishengero ngo ryicare hasi.
36 Yakira ya mitsima indwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.
37 Bararya bose, barahaga; begeranya imisigazwa y'utumanyagu, yuzura ibiseke indwi.
38 Abariye bari abagabo ibihumbi bine, abagore n'abana bataharuwemwo.
39 Asezera ishengero, atambukira mu bwato, aja mu gihugu c'i Magadani.

« Chapter 14 Chapter 16 »