Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 10

Ni ukuri ni ukuri ndababwire, uwudaca mw'irembo ry'urugo rw'intama, ariko akuririra ahandi, uwo aba ari igisuma n'umwambuzi.
2 Ariko uwuca mw'irembo ni we mwungere w'intama.
3 Umurarizi w'irembo aramwugururira, kandi intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.
4 Kandi iyo amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.
5 Ariko uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y'abandi.
6 Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababwira ivyo ari vyo.
7 Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire, ni jewe rembo ry'intama.”
8 Abanyitangiye imbere bose bari ibisuma n'abambuzi, ariko intama ntizabumviye.
9 Ni jewe rembo, kandi uwushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka ubwatsi butotahaye.
10 Igisuma ntikizanwa n'ikindi, atari ukwiba, ukwica n'ugutikiza; nayo jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.
11 Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.
12 Ariko umucangero, atari umwungere bwite, n'intama ntizibe iziwe, iyo abonye ibingira rije, ata intama, agahunga, ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.
13 Arahunga, kuko ari umucangero, atababaye intama.
14 Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n'izanje ziranzi,
15 nk'uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje.
16 Kandi mfise n'izindi ntama zitari izo muri uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n'umwungere umwe.
17 Igituma Data ankunda, ni uko ndekura ubugingo bwanje, ngo mpeze nsubire kubwakira.
18 Nta n'umwe abunyaka, kuko ndaburekura kubwanje; mfise ububasha bwo kuburekura, mfise n'ububasha bwo gusubira kubwakira. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.”
19 Abayuda bongera kumupfa kubwo ayo majambo,
20 benshi muri bo bati: “Arimwo dayimoni, kandi yasaze; mumwumviririza iki?”
21 Abandi bati: “Erega ayo majambo si nk' ayo uwuhagazweko na dayimoni; mbega dayimoni arashobora guhumura amaso y'impumyi?”
22 Maze haza imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw'urusengero i Yerusalemu, hari mu rushana.
23 Yesu agendagenda mu rusengero mw'ibaraza rya Salomo.
24 Abayuda baramukikiza, baramubaza bati: “Mbega uzotujuragiza kugeza ryari?” Asangwa uri Kristo bidufoborere.
25 Yesu arabishura ati: “Narababwiye, ariko ntimwizera. Ibikorwa nkora mw'izina rya Data, ni vyo binshingira intahe.
26 Ariko ntimwizera, kuko mutari abo mu ntama zanje.
27 Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,
28 kandi nanje ndabaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.
29 Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.
30 Jewe na Data turi umwe.”
31 Buno Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.
32 Yesu arababwira ati: “Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibatuma kuntera amabuye muri ivyo bikorwa ni ikihe?”
33 Abayuda baramwishura bati: “Ntituguterera amabuye ku bwo igikorwa ciza, ariko ni kuko watyojeje Imana; kuko wewe uri umuntu ukigira Imana.”
34 Yesu arabishura ati: “Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ko navuze nko muri imana?”
35 None ko yabise imana, bamwe ijambo ry'Imana ryashitseko (kandi ivyanditswe ntibishobora guhinduka),
36 mwebwe mubwira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw'isi, ko atyojeje Imana, kuko navuze nti: “Ndi Umwana w' Imana?
37 Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere;
38 ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.
39 Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.
40 Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubwa mbere, agumayo.
41 Benshi baza kuri we; baravuga bati: “Yohana nta kimenyetso yakoze, ariko ivyo Yohana yavuze vyose kuri uwo vyari ivyo ukuri.”
42 Kandi benshi bamwizererayo.

« Chapter 9 Chapter 11 »