Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 18

Yesu avuze ivyo, avanayo n'abigishwa biwe afata hakurya y'umugezi witwa Kidironi; aho hari itongo; ashikaho, bo n'abigishwa biwe.
2 Kandi na Yuda amugura yari azi aho hantu, kuko Yesu yahora ajanayo n'abigishwa biwe kenshi.
3 Nuko Yuda amaze guhabwa n'abaherezi bakuru n'Abafarisayo ingabo z' abasoda, bo n'abagendanyi, ajayo, bari n'amatara, ibimuri n'ibirwanisho.
4 Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza ati: “Murondera nde?”
5 Na bo baramwishura bati: “Yesu Umunyanazareti.” Arababwira ati: “Ni jewe.” Kandi Yuda, amugura, yari ahagararanye na bo.
6 Amaze kubabarira ati: “Ni jewe,” bagenza imigongo, bagwa hasi.
7 Na we asubira kubabaza ati: “Murondera nde?” Na bo bati: “Yesu Umunyanazareti.
8 Yesu arabishura ati: “Nababwiye ko ari jewe; asangwa ari jewe murondera, mureke aba, bigire.”
9 Ukwo kwari ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo mu bo wampaye nta n'umwe najimije.
10 Simoni Petero yari n'inkota, arayisokora, aca ugutwi kw'i buryo kw'umuntu w'umuherezi mukuru, uwo muntu yitwa Malikusi.
11 Maze Yesu abarira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati, mbega igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?”
12 Nuko abasoda n'umukuru w'intwazangabo zabo n'abagendanyi b'Abayuda bafata Yesu, baramuboha,
13 babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo muri uwo mwaka.
14 Kandi Kayafa ni we yari yagiriye inama Abayuda, yuko ari ibibereye ko umuntu umwe apfira ubwo bwoko.
15 Simoni Petero akurikira Yesu, bo n'uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw'uwo muherezi mukuru,
16 ariko Petero asigara ahagaze kw'irembo. Wa wundi mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashika kw'irembo, avugana n'umukumirizi, araheza ashikana Petero imbere.
17 Maze iyo ncoreke ikumira ibaza Petero ati: “Mbega nawe uri mu bigishwa b'uwo muntu?” Petero ati: “Oya, sindimwo.”
18 Abashumba n'abagendanyi bari bahagaze bacanye umuriro w'amakara, kuko hari imbeho, bariko barota; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yota.
19 Nuko umuherezi mukuru asiguza Yesu ivyo abigishwa biwe n'inyigisho ziwe.
20 Yesu aramwishura ati: “Nabarira abo isi ndavyeruye, nahora nigishiriza mu nsengero z'Abayuda no mu rundi rusengero aho Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.
21 Umbarije iki? Baza abahora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze.”
22 Avuze atyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”
23 Yesu aramubaza ati: “Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namba ari neza, unkubitiye iki?”
24 Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru.
25 Simoni Petero yari ahagaze yota; nuko baramubaza bati: “Mbega nawe uri mu bigishwa biwe?” Na we arahakana ati: “Oya, sindimwo.”
26 Umwe mu bashumba b'umuherezi mukuru, yari incuti y'umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza ati: “Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?”
27 Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika.
28 Bakura Yesu kwa Kayafa, bamujana mu nzu y'iburaniro; hari mu mutwenzi. Ariko ubwabo ntibinjira mu nzu y'ibonaniro, ngo ntibihumanye, kugira ngo babone ingene barya Pasika.
29 Kubwo ivyo Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Ikirego mufise kuri uwo muntu ni igiki?”
30 Baramwishura bati: “Ugira ngo uwu, iyaba atakoze ibibi tuba tumukuzaniye?”
31 Nuko Pilato arababwira ati: “Ni mumujane mwebwe, mumucire urubanza nk'uko ivyagezwe vyanyu bivuga.” Abayuda baramwishura bati: “Erega twebwe ntitwemererwa kwica umuntu.”
32 Kwari ukugira ngo ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urwo ari rwo.
33 Nuko Pilato asubira mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, ahamagaza Yesu, aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?”
34 Yesu ati: “Mbega ivyo ubibajije kubwawe, canke n'abandi bakubariye ivyanje?
35 Pilato ati: “Mbega nanje ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwanyu n'abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?”
36 Yesu aramwishura ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si; iyaba ubwami bwanje bwari ubwo muri iyi si, abagendanyi banje baba barwanye, ngo simpabwe Abayuda. Ariko noneho ubwami bwanje si ubwo ino.”
37 Nuko Pilato aramubaza ati: “Ubwo wewe uri umwami?” Yesu ati: “Ni wewe uvyivugiye ko ndi umwami.” Iki ni co navukiye, kandi iki ni co canzanye mw'isi, ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uwo ukuri wese yumva ijwi ryanje.
38 Pilato aramubaza ati: “Mbega ukuri ni iki?” Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja aho Abayuda bari, arababwira ati: “Jewe nta kibi nabonye kuri we.
39 Ariko musanganywe umugenzo ko ndabarekurira umwe mu misi ya Pasika; none muragomba ko ndabarekurira umwami w'Abayuda?”
40 Nuko basubira gusemerera bati: “Si uyo, ariko turekurire Baraba.” Yamara Baraba yari umwambuzi.

« Chapter 17 Chapter 19 »