Chapter 12
Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho haba Lazaro yari yazuye mu bapfuye.
2 Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yari umwe wo mu bicaranye na we basangira.
3 Maze Mariya yakira ingero y'amavuta amota cane y'igiciro kinini cane, y'agati kitwa narada, ayasiga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kandi inzu yose itamiranamwo ayo mavuta.
4 Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira azomugure, aravuga
5 ati: “Ni igiki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabwe aboro?”
6 Ariko ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, ni uko yari umwivyi, agendana umupfuko, agasotora ku bibitswemwo.
7 Yesu aramubwira ati: “Ni umureke, kuko ivyo yabibikiye umusi wo guhambwa kwanje.
8 Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.”
9 Ishengero ryinshi ry'Abayuda rimenye ko ari ho ari, baraza, mugabo ntihari kubwa Yesu gusa, ariko kwari ukugira ngo barabe na Lazaro yazuye mu bapfuye.
10 Ariko abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,
11 kuko kubwiwe Abayuda benshi babavako bakizera Yesu.
12 Bukeye bw'aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu muri iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo,
13 bakira amashami y'ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera bati: “Hoziyana; hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho, ni we Mwami w'Abisirayeli.”
14 Kandi Yesu abonye inyana y'indogoba, ayicarako, nk'uko handitswe,
15 ngo Nta co utinya, mukobwa w'i Siyoni, raba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y'indogoba.
16 Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubwa mbere, ariko Yesu amaze guhabwa ubwiza bwiwe, ni ho bibutse ko ivyo yavyandikiwe, kandi ko ari vyo bamugiriye.
17 Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.
18 Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso.
19 Ariko Abafarisayo bavugana muri bo bati: “Murabona ko ata co mumaze, raba isi yose yamukondoreye inyuma.”
20 Hari Abagiriki bamwe, mu baduze gusenga mu misi mikuru,
21 bashikira Filipo w'i Betsayida i Galilaya, baramwinginga bati: “Mugenzi, turagomba kuraba Yesu.”
22 Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu.
23 Yesu arabishura ati: “Igihe kirageze c'uko Umwana w'umuntu ahabwa ubwiza bwiwe.
24 Ni ukuri ni ukuri ndababwire; iyo agatete k'ingano kataguye mw'ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; ariko iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.
25 Uwukunda ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwanka ubugingo bwiwe muri iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira.
26 Ni hagira uwunkorera, ni ankurikire, kandi aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba, ni hagira uwunkorera, Data azomuha icubahiro.
27 Umushaha wanje urahagaze; none mvuge iki? Ngire nti: “Data, ni unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike muri iki gihe.
28 Data, shimagiza izina ryawe.” Maze ijwi riva mw'ijuru riti: “Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.”
29 Ishengero rihagazeho rivyumvise riti: “Ni umuturagaro.” Abandi bati: “Ni umumarayika avuganye na we.”
30 Yesu arabishura ati: “Iryo jwi ntirije kubwanje, ariko rije kubwanyu.
31 None ubu iyi si iciriweko urubanza, none ubu umutware w'iyi si agira ahindirwe hanze.
32 Nanje ni namanikwa hejuru y'isi, nzokwikwegerako bose.”
33 Avuga ivyo ari ukubamenyesha urupfu agira apfe.
34 Ishengero riramwishura riti: “Twebwe twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohoraho ibihe bidashira. None uvuze ute ngo Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa? Mbega uwo Mwana w'umuntu ni nde?”
35 Yesu arababwira ati: “Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebwe; ni mugende mugifise umuco, umwiza ntubiriranireko.” Uwugenda mu mwiza ntamenya iyo aja.
36 Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b'umuco. Yesu amaze kuvuga ivyo, arigira, arabihisha.
37 Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingana uko imbere yabo, ntibarushe bamwizera,
38 ngo ijambo ry'uwavugishwa n'Imana Yesaya rishike, ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise? Kandi ukuboko kw'Uhoraho kwahishuriwe nde?
39 Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga
40 ati: “Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima, Kugira ngo ntibaboneshe amaso, ngo batahurishe imitima, Bahindukire, Ngo ndabakize.”
41 Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubwiza bwiwe, kandi ni we yavuzeko.
42 Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko ku bwo Abafarisayo ntibavyatura, kugira ngo ntibahimburwe igikoba c'ubugabo mu rusengero rw'Abayuda,
43 kuko bakunda icubahiro c'abantu kukirutisha icubahiro c' Imana.
44 Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye;
45 uwumbonye aba abonye uwantumye.
46 Naje mw'isi ndi umuco, kugira ngo uwunyizera wese ntazogume mu mwiza.
47 Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucira urubanza; kuko ntazanywe no gucira urubanza isi, ariko nazanywe no gukiza isi.
48 Ariko uwungaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n'ikizomutsindisha, ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w'umuhero.
49 Kuko ivyo ntabivuze ndavyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n'ivyo nkwiye gusigura.
50 Kandi ndazi yuko ivyo yageze ari ubugingo budashira. Nuko ivyo mvuga, ndabivuga nk'uko Data yambariye.”