Chapter 17
Yesu avuze ivyo, arangamiza mw'ijuru ati: “Data, igihe kirashitse; shimagiza Umwana wawe, ngo Umwana agushimagize;
2 nk'uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngo abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.
3 Ubu ni bwo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y'ukuri, n'uwo watumye, Yesu Kristo.
4 Nagushimagije mw'isi, nonosoye igikorwa wampaye gukora.
5 Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bwa bwiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.
6 Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b'isi; bari abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.
7 None bamenye yuko ivyo wampaye vyose biva kuri wewe;
8 kuko amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayakira, bakamenya vy'ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera ko ari wewe wantumye.
9 Ndabasabira; sinsabira abo isi, ariko nsabira abo wampaye, kuko ari abawe;
10 kandi ivyanje vyose ni ivyawe, n'ivyawe na vyo ni ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo.
11 Sinkiri mw'isi, ariko bo bari mw'isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw'izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk'uko natwe turi.
12 Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw'izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n'umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngo ivyanditswe bishike.
13 Ariko none ndaje kuri wewe, kandi ibi ndabivuga ndi mw'isi, kugira ngo bagire umunezero wanje wuzure muri bo.
14 Nabahaye ijambo ryawe; kandi ab'isi barabanka, kuko atari abo isi, nk'uko nanje ntari uwo isi.
15 Sindagusaba ngo ubakure mw'isi, ariko ngo ubarinde wa Mubi.
16 Si ab'isi, nk'uko nanje ntari uwo isi.
17 Ubeze mu kuri, ijambo ryawe ni ryo kuri.
18 Nk'uko wantumye mw'isi, ni ko nanje nabatumye mw'isi,
19 kandi nanje niyeza kubwabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.
20 Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n'abo bazonyizera ku bwo ijambo ry'aba,
21 kugira ngo bose babe umwe, nk'uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo babe ari ko baba muri twebwe, ngo isi yizere ko ari wewe wantumye.
22 Nanje nabahaye ubwiza wampaye, ngo babe umwe, nk'uko natwe turi umwe.
23 Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahingurwe babe umwe, kugira ngo isi imenye ko ari wewe wantumye, ukabakunda, nk'uko wankunze.
24 Data, abo wampaye ndagomba ko aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barabe ubwiza bwanje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry'isi ritarashirwaho.
25 Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n'aba na bo bamenye ko ari wewe wantumye.
26 Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ngo urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.”