Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 20

Ku wa mbere w'imisi indwi mu gaturuturu, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikuwe ku mva;
2 agenda ariruka ashikira Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bamushize.”
3 Nuko Petero arasohoka, na wa mwigishwa wundi, baja ku mva.
4 Bose birukira icarimwe, kandi wa mwigishwa wundi asiga Petero, amutanga ku mva.
5 Yunamye, arungurutseyo, abona za mpuzu zera derere zirambitseho, ariko ntiyinjira.
6 Maze Simoni Petero arashika amukurikiye, yinjira mu mva, abona za mpuzu zirambitseho,
7 n'igitambara cari mu mutwe wiwe, kitarambitse hamwe na za mpuzu, ariko kizinze kiri ahaco ukwa conyene.
8 Ni ho hinjiye wa mwigishwa wundi na we, umwe yabanje gushika ku mva, abibonye arizera.
9 Kuko bataribwamenye ivyanditswe yuko akwiye kuzozuka mu bapfuye.
10 Maze abo bigishwa bavayo basubira i wabo.
11 Mariya yari ahagaze ku mva arira. Akiriko ararira, arunama, arunguruka mu mva,
12 abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo y'aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye.
13 Baramubaza bati: “Mbega nyina wanje, urizwa ni iki?” Na we ati: “Ni uko bakuyeho Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.”
14 Avuze ivyo, arakebuka, abona Yesu ahagaze, ariko ntiyamenya ko ari Yesu.
15 Yesu aramubaza ati: “Mbega nyina wanje, urizwa n'iki? Urondera nde?” Na we yiyumvira ko ari umurimyi waho, aramubwira ati: “Mugenzi, namba ari wewe wamukuye hano, ndangira aho wamushize, ndamukureyo.”
16 Yesu aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo ati: “Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).”
17 Yesu aramubwira ati: “Ntunkoreko, kuko ntaraduga kwa Data; ariko genda ku bavukanyi banje, ubabarire uti: 'Agira aduge kwa Se ari we So' kandi ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.”
18 Mariya Magadalene aragenda, abarira abigishwa inkuru ati: “Nabonye Umwami;” abadondera ivyo yamubariye.
19 Nuko kuri uwo musi bugorovye, ni wo musi wa mbere w'imisi indwi, imiryango yari yugaye aho abigishwa bari, kubwo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababwira ati: “Amahoro abe muri mwebwe.”
20 Amaze kuvuga atyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maze abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.
21 Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abe muri mwebwe.” Nk'uko Data yantumye ni ko nanje nabatumye.”
22 Avuze ivyo, abahumekerako ati: “Ni mwakire Mpwemu Yera.
23 Kandi abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; ariko abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe.”
24 Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe icumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza.
25 Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami.” Na we arabishura ati: “Ni ntabona inkovu z'imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z'imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.”
26 Maze imisi umunani ishize abigishwa bari mu nzu ukundi gusha, na Toma bari kumwe. Yesu araza, imyango yari yugaye, abahagarara hagati ati: “Amahoro abe muri mwebwe.”
27 Maze abwira Toma ati: “Zana hano urutoke rwawe, urabe ibiganza vyanje; zana n'urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba uwutizera, ariko ube uwizeye.”
28 Toma aramwishura ati: “Mwami wanje, kandi Mana yanje.”
29 Yesu aramubwira ati: “Wijejwe n'uko umbonye. Harahiriwe abatarinze kubona, yamara bakizera.”
30 Hariho n'ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y' abigishwa, bitanditswe muri iki gitabo.
31 Ariko ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w'Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw'izina ryiwe.

« Chapter 19 Chapter 21 »