Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 14

Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.
2 I muhira kwa Data hari inzu nyinshi, iyo ziba zitariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.
3 Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngo aho ndi namwe mube ari ho muba.
4 Kandi iyo nja murazi inzira ijayo.
5 Toma aramubwira ati: “Mugenzi, ntituzi iyo uja, dushobora dute kumenya inzira?”
6 Yesu aramubwira ati: “Ni jewe nzira, ukuri n'ubugingo; nta wushika kuri Data ntamujanye.
7 Iyo muba mwaramenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.
8 Filipo aramubwira ati: “Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.”
9 Yesu aramubaza ati: “Mbega ko nabanye namwe igihe kingana gityo, nturakaruha umenya ga Filipo? Uwubonye jewe aba abonye Data; none uvuga ute ngo Twereke So?”
10 Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.
11 Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera ku bwo ibikorwa ubwavyo.
12 Ni ukuri, ni ukuri ndababwire; uwunyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora, kandi azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.
13 Kandi ico muzosaba cose mw'izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ashimagizwe mu Mwana.
14 Ni mwagira ico musaba mw'izina ryanje, nzogikora.”
15 Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,
16 nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngo azobane namwe ibihe bidashira,
17 ni we Mpwemu w'ukuri, uwo abo isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.
18 Sinzobasiga nk'impfuvyi, nzoza kuri mwebwe.
19 Hasigaye igihe gito, abo isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.
20 Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebwe.
21 Uwuri n'ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kandi uwunkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.
22 Yuda (atari Isikaryota), aramubaza ati: “Mugenzi, bibaye bite, ko ugira wihishurire twebwe, ntiwihishurire abo isi?”
23 Yesu aramwishura ati: “Ni hagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.
24 Uwutankunda ntiyitondera amajambo yanje, kandi ijambo mwumva si iryanje, ariko ni irya Data yantumye.”
25 Ivyo ndabibabariye nkiri kumwe namwe,
26 ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw'izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyose.
27 Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho sindayabagabira nk'uko abo isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.
28 Mwumvise ko nababwiye nti: “Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe ni uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.
29 Nuko none ndabibabwiye bitaraba, ngo aho bizobera muzokwizere.
30 Sinkivugana namwe vyinshi, kuko umwami w'isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;
31 ariko ni ukugira ngo abo isi bamenye ko nkunda Data, kandi uko Data yangeze ko ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende.”

« Chapter 13 Chapter 15 »