Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 16

Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo ntimuzotsitazwe.
2 Bazobaca mu nsengero z'Abayuda, kandi igihe kigiye kuza, uwuzobica wese azogira ngo agiriye Imana ikimazi.
3 Kandi ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibamenye.
4 Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo igihe cavyo ni cashika, muzovyibuke ko nanje nabibabwiye. Uhereye ubwa mbere sinaribwabibabwire, kuko nari nkiri kumwe namwe.
5 None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n'umwe muri mwebwe arushe ambaza ati: “Uja hehe?”
6 Ariko kuko ndababariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu.
7 Ariko jewe ndababwira ukuri; Ikizogira ico kibamarira, ni uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe; ariko ni nagenda nzomubarungikira.
8 Uwo ni yaza, azohinyuza abo isi, abemeze ivyo icaha, ivyo ukugororoka n'ivyo urubanza;
9 ivyo icaha, kuko batanyizeye,
10 ivyo ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona,
11 ivyo imanza, kuko umwami w'iyi si yaciriwe urubanza.
12 Nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.
13 Ariko uwo Mpwemu w'ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize.
14 Uwo azoshimagiza jewe, kuko azokwakira ku vyanje, akabibamenyesha.
15 Ivyo Data afise vyose ni ivyanje, ni co gitumye mvuga nti: “Yakira ku vyanje, akabibamenyesha.”
16 Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona.
17 Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya bati: “Mbega ivyo atubwiye ni ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo kuko nja kwa Data?”
18 Kandi bati: “Ivyo atubwiye ni ibiki, ngo igihe gito?” Ntitumenye ico avuze ico ari co.
19 Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza ati: “Mbega mubazanya ico ari co, ko mbababariye nti: “Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona kandi hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?”
20 Ni ukuri, ni ukuri ndababwire, mweho muzorira muboroge, ariko abo isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, ariko umubabaro wanyu uzocika umunezero.
21 Umugore iyo aramutswe, aja mu mubabaro, kuko igihe ciwe kigeze, ariko iyo umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kuko anezerejwe n'uko umuntu avutse mw'isi.
22 Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kandi imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n'umwe azowubanyaga.
23 Kuri uwo musi nta na kimwe muzombaza. Ni ukuri ndakubwire koko, ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw'izina ryanje.
24 Kugeza ubu nta co mwasavye mw'izina ryanje; musabe muzohabwa, ngo umunezero wanyu wuzuzwe.
25 Ivyo ndabibabwiriye mu migani, ariko igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabwira ivya Data ndabifoboye.
26 Kuri uwo musi muzosaba mw'izina ryanje, kandi sindababwira ngo nzobasabira Data.
27 Kuko Data na we ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.
28 Navuye kwa Data, nza mw'isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.
29 Abigishwa biwe baravuga bati: “Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye.
30 Ubuho tumenye ko uzi vyose, kandi ko ku bwawe utarinda ko hogira uwukubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.”
31 Yesu arabishura ati: “Mbega noneho murizeye?
32 Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musabagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.
33 Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw'isi muri n'amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi.”

« Chapter 15 Chapter 17 »