Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 11

Hariho uwari arwaye, ni Lazaro w'i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita babako.
2 Uwo Mariya ni we yasize Umwami Yesu amavuta amota cane ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uwo Lazaro yari arwaye ni we musaza we.
3 Bashiki biwe batuma kuri Yesu bati: “Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.”
4 Yesu avyumvise aravuga ati: “Iyo ndwara si iyo kumwica, ariko ni iyo gutuma bashimagiza Imana, kugira ngo n'Umwana w'Imana itume ashemagizwa.”
5 Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.
6 Nuko yumvise ko arwaye, asibira aho hantu yari ari imisi ibiri.
7 Hanyuma y'ivyo abwira abigishwa biwe ati: “Dusubire i Yudaya.”
8 Abigishwa baramubwira bati: “Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, none usubireyo?”
9 Yesu arabishura ati: “None isaha z'umurango si icumi na zibiri? Uwugenda ku murango ntatsitara, kuko abona umuco w'iyi si.
10 Ariko uwugenda mw'ijoro aratsitara, kuko umuco utari muri we.”
11 Amaze kuvuga ivyo, arababwira ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.”
12 Nuko abigishwa baramubwira bati: “Mugenzi, asangwa asinziriye, azokira.”
13 Yamara Yesu yavuga ko yapfuye, ariko bo bagira ngo avuga kuruhuka kwo gusinzira.
14 Buno Yesu avuga abifoboye ati: “Lazaro yahwereye;
15 ariko kubwanyu ndanezerewe ko ntariyo, kugira ngo muzokwizere; noneho ni muze tuje iyo ari.”
16 Toma ari we Hasa abwira abigishwa bagenzi biwe ati: “Ingo tugende, dupfane na Yesu.”
17 Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva.
18 I Betaniya hari hafi y'i Yerusalemu nka stadiyo icumi na zitanu.
19 Nuko Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya ku bagarukirako kuko musaza wabo yapfuye.
20 Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu.
21 Marita abwira Yesu ati: “Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye.”
22 Kandi n'ubu ndazi ko ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.
23 Yesu aramubwira ati: “Musazawe azozuka.”
24 Marita aramwishura ati: “Ndazi ko azozuka mw'izuka ryo ku musi w'iherezo.”
25 Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n'ubugingo. Uwunyizera n'iyo yoba yarapfuye, azobaho;
26 kandi uwuriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?”
27 Na we ati: “Ego me Mugenzi, nizeye ko uri Kristo, Umwana w'Imana, umwe wo kuza mw'isi.”
28 Avuze ivyo, asubira inyuma, yongorera Mariya, mwene nyina ati: “Umwigisha ari hano, araguhamagaje.”
29 Na we avyumvise, ava hasi ningoga, aja aho ari.
30 Yesu ntiyari bwashike muri iyo mihana, ariko yari akiri ha handi aho Marita yamusanganiriye.
31 Buno Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamugandariye, babonye avuye hasi ningoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva.
32 Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe ati: “Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye.”
33 Yesu abonye ko arira, n'Abayuda bari kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, biranka,
34 arababaza ati: “Mwamuhamvye hehe?” Bati: “Mugenzi, ngwino urabe.”
35 Yesu ararira.
36 Abayuda baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda.”
37 Ariko bamwe muri bo baravuga bati: “Mbega uwo yahumuye amaso y'impumyi, ntiyoshoboye kubuza uwo ngo ntapfe?”
38 Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yari isenga yugajwe ikibuye.
39 Yesu aravuga ati: “Ni mukureho iryo buye.” Marita mushiki w'uwapfuye, aramubwira ati: “Mugenzi, erega ubu aramaze kunuka, ko amaze imisi ine.”
40 Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko ni wizera ubona ubwiza bw'Imana?”
41 Nuko bakuraho ikibuye. Buno Yesu ararangamiza ati: “Data, ndagushima ko wanyumvirije.
42 Jewe nari nsanzwe nzi ko unyumviriza ubudasiba, ariko ndabivugishijwe n'ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”
43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n'ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka.”
44 Uwari yapfuye arasohoka, azingiriweko impuzu ku maguru no ku maboko, n'igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababwira ati: “Ni mumuhamburure, mumureke, agende.”
45 Nuko benshi muri abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,
46 ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababwira ivyo Yesu akoze.
47 Nuko abaherezi bakuru n'Abafarisayo bakoranya inama nkuru y' abacamanza, barababaza bati: “Mbega, tugire dute? Ko uwu muntu akora ibimenyetso vyinshi.
48 Ni twamurekeraho dutyo, bose bazohava bamwizera, kandi Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n'ubwoko bwacu.”
49 Ariko umwe muri bo, ni Kayafa, yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, arababwira ati: “Mwebwe nta co muzi na mba,
50 kandi nta co mwiyumvira yuko ari ibibereye kubwanyu ko umuntu umwe apfira abantu, hako ubwoko bwose buhona.”
51 Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubwo bwoko;
52 kandi si ubwo bwoko bwonyene, ariko ngo abana b'Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.
53 Nuko bahera uwo musi baja inama yo kumwica.
54 Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, ariko avayo, aja mu gihugu kiri hafi y'ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n'abigishwa.
55 Maze Pasika y'Abayuda yariko irashika, benshi bava mu misozi, baduga i Yerusalemu ngo bihumanure, Pasika itarashika.
56 Maze barondera Yesu, babazanya bahagaze mu rusengero bati: “Mbega, mugira ngo iki? Ubwo ntazoza muri iyi misi mikuru?”
57 Kandi abaherezi bakuru n'Abafarisayo bari bashinze ngo uwomenya aho ari aharange, ngo bamufate.

« Chapter 10 Chapter 12 »