Kirundi Bible

Yohana

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21

Chapter 15

Jewe ndi umuzabibu w'ukuri, kandi Data ni nyene wo.
2 Ishami ryose ryo muri jewe ritama, arikuraho; kandi iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama.
3 N'ubu mwebwe mumaze kwezwa kubwo ijambo nababwiye.
4 Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk'uko ishami ritabasha kwama ubwaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe.
5 Ni jewe muzabibu, namwe muri amashami; uwuguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kuko ata co mubasha gukora mutamfise.
6 Umuntu ni ataguma muri jewe atabwa nk'uko ishami ritererwa inyuma y'umurima w'inzabibu, akuma; maze bakayegeranya, bakayaterera mu muriro, agasha.
7 Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akabagumamwo, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.
8 Muri ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.”
9 Nk'uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze; ni mugume mu rukundo rwanje.
10 Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk'uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.
11 Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo umunezero wanje ubabemwo, kandi n'umunezero wanyu wuzuzwe.
12 Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk'uko nabakunze.
13 Nta wogira urukundo ruruta urwo uko umuntu yigura abakunzi biwe.
14 Muri abakunzi banje, ni mwakora ivyo ndabategetse.
15 Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.
16 Si mwebwe mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murama imbuto, kandi ngo imbuto zanyu zigumeho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw'izina ryanje, akibahe.
17 Ivyo ndabibategetse kugira ngo mukundane.
18 Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka.
19 Iyo muba abo isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutari abo isi, ariko nabatoranije mu bo isi, ni co gituma isi ibanka.
20 Mwibuke rya jambo nababwiye nti: “Umushumba ntaruta shebuja; namba barampamye, namwe bazobahama; namba baritondeye ijambo ryanje, n'iryanyu bazoryitondera.”
21 Ariko ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje, kuko batazi uwantumye.
22 Iyo ntaba naraje ngo ngire ico ndababarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n'ico bireguza icaha cabo.
23 Uwunyanka aba yanka na Data.
24 Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n'uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.
25 Ariko vyabaye bityo kugira ngo ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Banyankiye ubusa.
26 Ariko Umwitsa aho azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w'ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,
27 kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mu bihe vya kera.

« Chapter 14 Chapter 16 »