Chapter 13
Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye ko igihe ciwe gishitse co kuva mw'isi ngo aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw'isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.
2 Bakiriko bararya ku mugoroba, wa mugarariji amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, umwana wa Simoni,
3 Yesu yari azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi ko agira asubire ku Mana,
4 ava hasi mw'iriro, akura umutamana, yakira icambazo, arakenyera;
5 araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy'abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje.
6 Nuko ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza ati: “Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?”
7 Yesu aramwishura ati: “Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu; ariko uzokimenya hanyuma.”
8 Petero aramubwira ati: “Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose.” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhuriye.”
9 Simoni Petero aramubwira ati: “Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, ariko ushikane ku maboko no ku mutwe.”
10 Yesu aramubwira ati: “Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atari ukwoga ibirenge, kuko aba akeye umubiri wose, namwe murakeye, ariko si mwese.”
11 Kuko yari azi uwuzomugura uwo ari we; ni co catumye avuga ati: “Ntimukeye mwese.”
12 Nuko ahejeje kuboza ibirenge, yakira umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza ati: “Mbega muramenye ico ndabagiriye?
13 Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kuko ari ko ndi.
14 Nuko rero, ko jewe ndabogeje ibirenge, ndi Shobuja n'Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.
15 Kuko ndabahaye akarorero, kugira ngo nk'uko jewe ndabagiriye, mube ari ko namwe mugira.
16 Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umushumba ntaruta shebuja, kandi n'intumwa ntiruta uwayitumye.
17 Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.
18 Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko ni ukugira ngo ivyanditswe bishike, ngo Uwurya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.
19 Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngo aho bizobera, mwizere ko ndi we.
20 Ni ukuri ndababwire, uwakira uwo nzotuma azoba anyakiriye, uwunyakira aba yakiriye uwantumye.”
21 Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umwe muri mwebwe agira angure.”
22 Abigishwa bararabana, bazazaniwe uwo avuze uwo ari we.
23 Hariho umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.
24 Simoni Petero amuvunira akagohe ati: “Tubwire uwo avuze uwo ari we.”
25 Uwo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza ati: “Ni nde ga Mugenzi?”
26 Yesu aramwishura ati: “Uwo nkorezamwo intore, nkayimuha, azoba ari we.” Akojejemwo intore, arayikuramwo, ayihereza Yuda, umwana wa Simoni Isikaryota.
27 Hanyuma y'iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira ati: “Ico ukora, gikore ningoga.”
28 Ariko muri abo bicaranye nta n'umwe yamenye ico abimubwiriye.
29 Ariko kuko Yuda ari we yarafise umupfuko, bamwe bagize ngo Yesu yamubwiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngo agire ico aha aboro.
30 Na we amaze kwakira intore, aca asohoka ako kanya, kandi hari mw'ijoro.
31 Nuko amaze gusohoka, Yesu aravuga ati: “Noneho Umwana w'umuntu arashimagijwe, kandi Imana ishimagirijwe muri we.
32 Kandi Imana, ko ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kandi izomushimagiza vuba.
33 Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk'uko nabwiye Abayuda nti: 'Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababwira namwe.'
34 Ndabaha icagezwe gishasha, ni mukundane; nk'uko nabakunze, mube ari ko namwe mukundana.
35 Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
36 Simoni Petero aramubaza ati: “Mugenzi, uja hehe?” Yesu aramwishura ati: “Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, ariko uzonkurikira hanyuma.”
37 Petero aramubaza ati: “Mugenzi, ni igiki kimbuza kugukurikira n'ubu?” Erega nzonakwigura.
38 Yesu aramwishura ati: “Ugize ngo uzonyigura?” Ni ukuri ndakubwire koko, inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.