Kirundi Bible

Luka

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24

Chapter 1

Abantu benshi bagerageje kwandika amajambo adonda ivyabaye muri twebwe,
2 nk'uko twabirazwe n'abahereye ubwa mbere ari ivyabona vyavyo n'abakozi b'ijambo ry'Imana.
3 Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye ko ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa,
4 kugira ngo umenye neza yuko amajambo wigishijwe ari ayo ukuri adakekeranywa.
5 Ku butware bwa Herode, umwami w'i Yudaya, hariho umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yarafise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti.
6 Bompi bagororoka imbere y'Imana, bagendera mu vyagezwe n'amabwirizwa vy' Umwami Imana vyose, batagawa.
7 Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.
8 Maze yariko arakora igikorwa c'ubuherezi imbere y'Imana, uko bagenda bakurikirana;
9 kandi nk'uko umugenzo w'abaherezi wari uri, ni we yari yatoranijwe n'ubupfindo kwinjira ahera h'urusengero rw'Umwami Imana, guturira imibavu.
10 Kandi ishengero ryose ry'ubwo bwoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co guturira.
11 Maze umumarayika w'Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bw'igicaniro baturirirako imibavu.
12 Zakariya amubonye ahagarika umutima, aterwa n'ubwoba.
13 Umumarayika aramubwira ati: “Nta co utinya, Zakariya, kuko ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uzomwite Yohana.
14 Uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe;
15 kuko azoba mukuru mu maso y'Umwami Imana; ntazonywa umuvinyu canke ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,
16 kandi azogarura benshi bo mu Bisirayeli bumvire k'umwami Imana yabo.”
17 Azoyiza imbere ari n'umutima wa Eliya n'ubushobozi bwiwe, ngo ahuze imitima y'abavyeyi n'abana, n'intabarirwa azisubize ku bwenge bw'abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubwoko burorane.
18 Zakariya abaza umumarayika ati: “Ivyo nzovyerekwa n'iki, ko ndi umutama, n'umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?”
19 Umumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu maso y'Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubwira ubwo butumwa bwiza.
20 Umve, uragobwa ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuko utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.”
21 Abantu bari barorereye Zakariya batangazwa n'uko atevye ahera h'urusengero;
22 Maze asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko hari ico yerekewe ahera h'urusengero: arabagereraniriza, akomeza kuba ikiragi.
23 Maze imisi yo gukora kwiwe ishize, asubira i we.
24 Iyo misi ishize, umugore wiwe Elisabeti asama inda, atinya abantu amezi atanu
25 ati: “Uku ni ko Umwami Imana inkoreye ikanteturura mu bantu mu misi yandabiyemwo.”
26 Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n'Imana mu gisagara c'i Galilaya citwa Nazareti,
27 ku mwigeme asabwe n'umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry'iyo nkumi ni Mariya.
28 Yinjira aho ari, aramubwira ati: “Ni amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.”
29 Ariko we ahagarika umutima cane kubwo iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iyo ari yo.
30 Umumarayika aramubwira ati: “Nta co utinya Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n'Imana.
31 Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kandi uzomwite YESU.
32 Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w'Iyisumbavyose, kandi Umwami Imana azomuha intebe y'ubwami ya sekuruza Dawidi,
33 ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”
34 Mariya abaza umumarayika ati: “Ivyo bizobaho bite, ko ntararongorwa?”
35 Umumarayika aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bw'Iyisumbavyose buzokuzako usame inda. Ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w' Imana.
36 Kandi umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y'umuhungu mu butamakazi bwiwe, uwitwa ingumba uku ni ukwezi kwiwe kwa gatandatu;
37 kuko ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.”
38 Mariya aramubwira ati: “Ehe ndi umusavyi w'Umwami Imana, bimbere uko ijambo ryawe rivuzwe.” Maze umumarayika ava aho ari, aragenda.
39 Muri iyo misi Mariya aritegura, agenda yihuta, aja mu misozi mu gisagara co mu Buyuda,
40 yinjira mu nzu kwa Zakariya umugabo wa Elisabeti.
41 Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda irikina mu nda, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,
42 avuga n'ijwi rirenga ati: “Mu bagore urahiriwe, n'inda yo mu nda yawe irahiriwe.
43 Kandi iryo teka ndaritewe ni iki kubona nyina w'umwami wanje aza kundamutsa?
44 Kuko ijwi ry'indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n'umunezero.
45 Kandi urahiriwe wewe wizeye, kuko ivyo wabwiwe n'Umwami Imana bizoshika.”
46 Mariya aravuga ati: “Ubugingo bwanje butazira Umwami Imana,
47 Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje.
48 Kuko yabonye jewe umugurano wayo ndi nyarucari, Kandi uhereye none, abo ibihe vyose bazonyita umuhirwe.
49 Kuko Iyo ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kandi izina ryayo ni iryera.
50 Imbabazi zayo ziri ku bayubaha uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira.
51 Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasabagije abibona mu vyo biyumvira mu mitima yabo.
52 Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abakene bo hasi.
53 Abashonje yabahagije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imbokoboko.
54 Kubwo imbabazi zayo yatabaye Isirayeli umusavyi wayo,
55 Nk'uko yari yarabibwiye ba sogokuruza, Ko azozigirira Aburahamu n'uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.”
56 Kandi Mariya amarana na we amezi nk'atatu, asubira i wabo.
57 Igihe co kuvyara kwa Elisabeti kirashika, avyara umuhungu.
58 Ababanyi biwe n'incuti ziwe bumva yuko Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we.
59 Ku musi w'umunani baza guhimbura umutwe w'igikoba c'ubugabo c'irondoka c'uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya.
60 Nyina arababwira ati: “Oya, ni yitwe Yohana.”
61 Baramubwira bati: “Mu muryango wanyu ko ata witwa iryo zina.”
62 Bagereraniriza se, bamubaza uko agomba ko yitwa.
63 Yaka ico kwandikako, arandika ati: “Izina ryiwe ni Yohana.”
64 Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibuka, n'ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana.
65 Ababanyi babo bose baterwa ni ubwoba. Ayo majambo yose akwira mu misozi yose y'i Yudaya.
66 Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo bati: “Mbega none uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ukuboko kw'Umwami Imana kwari kumwe na we.
67 Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n'Imana
68 ati: “Umwami Imana ashimwe, Imana y'Abisirayeli, Kuko igendeye abantu bayo, ikabacungura;
69 Kandi iduhagurukirije umukiza akomeye Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,
70 Nk'uko yavugiye mu kanwa k'abera yavugisha, bahereye mu bihe vya kera,
71 Ngo idukize abansi bacu n'amaboko y'abatwanka bose;
72 Kandi igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,
73 Indahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu,
74 Ko izoduha gukizwa amaboko y'abansi bacu, Tukayisenga ata bwoba,
75 Turi abera tugororoka mu maso yayo imisi yacu yose.
76 Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n'Iyisumbavyose, Kuko uzokwitangira imbere y'Umwami Imana gutegura inzira ziwe;
77 Kumenyesha abantu biwe agakiza, Ko ari uguharirwa ivyaha vyabo,
78 Kubwo umutima w'imbabazi w'Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw'ijuru,
79 Ngo urasire abicaye mu mwiza no mu gitutu c'urupfu, Urongorere ibirenge vyacu mu nzira y'amahoro.
80 Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z'umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekeweko Abisirayeli.

Chapter 2 »