Chapter 10
Mu nyuma y'ivyo, Umwami Yesu atoranya abandi mirongo irindwi, atuma babiribabiri, ngo babe baragenda mu gisagara vyose n'ahantu hose aho yagira ace.
2 Arababwira ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge nyene ivyimburwa, arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”
3 Ni mugende; raba ndabatumye muri nk'abana b'intama mu mabingira hagati.
4 Ntimujane umupfuko w'amahera, canke isaho, canke ibirato; kandi ntihagire n'uwo muramukanya mu nzira.
5 Inzu yose muzokwinjiramwo, muzobanze muvuge muti: “Amahoro abe muri iyi nzu.”
6 Ni yaba irimwo umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we. Ni bitamera bityo, azobagarukako.
7 Kandi iyo nzu nyene muzoyigumemwo, murya munywa ivyo babahaye; kuko umukozi akwiye ingero yiwe. Ntimugende murararaguza.
8 Kandi igisagara cose mujamwo bakabakira, muzorye ivyo babahaye,
9 mukize abarwaye baho, mubabwire muti: 'Ubwami bw'Imana burabegereye.'
10 Ariko igisagara cose mujamwo ntibabakire, muzosohoke muje mu nzira zaco
11 muti: 'Ni umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye. Ariko mumenye iki, yuko ubwami bw'Imana buri hafi.'
12 Ndababwire, Kuri wa musi w'imanza, Sodomu hazogira agahengekezo kurusha nya gisagara.
13 Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kuko ibikomeye vyakorewe muri mwebwe iyo biba vyarakorewe muri Tiro n'i Sidoni, baba barihanye kera, bicaye bambaye amagunira, bisize umunyota.
14 Ariko muri Tiro n'i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w'imanza kurusha mwebwe.
15 Nawe, Kaperinawumu, mbega uzoshirwa hejuru, ushike kw'ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu.
16 Uwubumviye ni jewe aba yumviye; uwubanse, ni jewe aba yanse; uwunyanse, aba yanse uwantumye.
17 Nuko bamwe mirongo irindwi bagarukana umunezero bati: “Mugenzi, abadayimoni na bo baratwumvira mw'izina ryawe.”
18 Arababwira ati: “Nabonye Satani, avuye mw'ijuru, akoroka nk'umuravyo.”
19 Ehe ndabahaye ububasha bwo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n'ubwo kunesha ubushobozi bwa wa Mwansi bwose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.
20 Ariko ntimunezerezwe n'uko izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n'uko amazina yanyu yanditswe mw'ijuru.
21 Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga ati: “Ndaguhimbaza Data, Mwami w'ijuru n'isi, kuko ivyo wabihishije abanyabwenge n'abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba bityo imbere yawe.
22 Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uwo ari we, atari Data; na Data nta wumuzi uwo ari we atari Umwana, n'uwo Umwana agomba kumuhishurira.”
23 Ahindukirira abigishwa, ababwira biherereye ati: “Harahiriwe amaso abona ivyo mubona.
24 Ndababwira yuko abavugishwa n'Imana benshi n'abami benshi bagomvye kubona ivyo mubona ntibabibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibavyumva.”
25 Maze umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza ati: “Mwigisha, nkore iki, ngo nzoragwe ubugingo budashira?”
26 Na we aramubaza ati: “Vyanditswe bite mu vyagezwe, kandi usoma iki?”
27 Aramwishura ati: “Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n'ubugingo bwanyu bwose, n'inkomezi zanyu zose, n'ubwenge bwanyu bwose; kandi mukunde ababanyi banyu nk'uko mwikunda.”
28 Aramubwira ati: “Wishuye neza, gira utyo, uzogira ubugingo.”
29 Maze uwo agomvye kwiyerekana nk'uwugororotse, abaza Yesu ati: “Mbega umubanyi wanje ni nde?”
30 Yesu aramwishura ati: “Habaye umuntu yari avuye i Yerusalemu, ariko aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barigira. Basiga asigaje gatoya agahwera.”
31 Hariho n'umuherezi amanuka muri iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande.
32 Kandi n'Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande.
33 Maze Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe.
34 Aramwegera, amupfuka inguma, amutimburisha amavuta ya elayo n'umuvinyu, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndaro y'abahita, aramurwaza.
35 Bukeye asokorora idenariyo zibiri, aziha nyene indaro ati: “Umurwaze, kandi ivyo uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura.”
36 Muri abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse ko ari umubanyi w'uwaguye mu bambuzi?
37 Aramwishura ati: “Ni uwamugiriye imbabazi.” Yesu aramubarira ati: “Nawe genda ugire utyo.”
38 Maze bariko baragenda bashika mu mihana. Umugore yitwa Marita aramwakira amushikiza mu nzu yiwe.
39 Uwo mugore yari afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y'ibirenge vy'Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe.
40 Ariko Marita ahagarikira umutima kuzimana vyinshi; aramwegera, aramubwira ati: “Mugenzi, ntibikubabaje yuko mwene mama yantereranye ibikorwa?” Nuko mubarire amfashe.
41 Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, uriganyira wigora muri vyinshi.
42 Ariko igikwiye rwose ni kimwe; erega Mariya ahisemwo umugabane mwiza atazokwakwa.”