Chapter 17
Kandi abwira abigishwa biwe ati: “Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, ariko uwubizana azobona ibara.”
2 Ivyoba vyiza ni uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw'izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atsitaza n'umwe muri aba bato.
3 Mwirinde; mugenzawe musangiye ukwizera ni yakora icaha, umuhanure; ni yihana, umuharire.
4 Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira incuro indwi, akubwira ko yihanye uzobimuharire.
5 Kandi za ntumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Ni utwongere ukwizera.”
6 Umwami arabishura ati: “Namba mufise ukwizera kungana n'akabuto k'umukaratusi, mwobarira iki giti c'umusukamino muti: 'Randuka, ubadikwe mu kiyaga,' kandi cobumvira.
7 Ariko ni nde muri mwebwe afise umushumba amurimira canke amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira ko aza ningoga akicara akarya?
8 Ariko ntiyomubarira ko yarura ivyo kurya vyiwe, agakenyera akamugaburira, gushika aho ahejeje kurya no kunywa na we hanyuma abone kurya no kunywa?
9 Mbega akengurukira uwo mugurano kuko yakoze ivyo yamugezeko?
10 Mube ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge ko muri abaja gusa, mwakoze ivyo mwategerezwa gukora vyonyene.
11 Maze bari mu nzira baja Yerusalemu, aca hagati y'i Samariya n'i Galilaya.
12 Ashitse mu mihana, asanganirwa n'abanyamibembe icumi, bahagarara kure,
13 baratabaza cane bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi.”
14 Ababonye arababwira ati: “Ni mugende, mwiyereke abaherezi.” Bariko baragenda barakira, barahumanuka.
15 Umwe muri bo, abonye akize, agaruka ahimbaza Imana n'ijwi rirenga.
16 Yikubita imbere y'ibirenge vyiwe, aramushima; kandi uwo yari Umusamariya.
17 Yesu arabaza ati: “Ntibahumanutse bose uko ari icumi?” Abandi icenda bari hehe?
18 Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atari uwu munyamahanga?
19 Kandi aramubarira ati: “Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije.”
20 Abafarisayo bamubajije igihe ubwami bw'Imana buzozira, arabishura ati: “Ubwami bw'Imana ntibuzoza bwerekanwa,
21 kandi ntibazovuga bati: 'Ehe ngubu; canke nguburiya; kuko ubwami bw'Imana buri muri mwebwe.”
22 Abwira abigishwa biwe ati: “Hazoza imisi muzokwifurizamwo kubona umusi umwe musa w' Umwana w'umuntu, ntimuzowubona.”
23 Kandi bazobabwira ngo nguriya; canke ngo nguwu. Ntimuzojeyo, kandi ntimubakurikire.
24 Kuko nk'uko umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw'ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni ko Umwana w'umuntu azoba ku musi wiwe.
25 Ariko akwiye kuzobanza kubabazwa uburyo bwinshi no kwankwa n'abo iki gihe.
26 Kandi uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y'Umwana w'umuntu:
27 bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato, umwuzure ukaza ukabahonya bose.
28 No mu misi ya Loti vyabaye bityo: bararya, baranywa, baradandaza, baragura, baratera, barubaka.
29 Maze umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n'ibizuku biratibuka bivuye mw'ijuru, birabahonya bose.
30 Ni ko bizoba, umusi Umwana w'umuntu azoserukirako.
31 Uwo musi, uzoba ari hejuru ku nzu, ibintu vyiwe biri mu nzu, ntazokwururutswe no kubisahura, n'uwuri mu mirima ni uko, ntazosubire inyuma.
32 Mwibuke muka Loti.
33 Uwuzogerageza gukiza ubugingo bwiwe azobubura; ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe azoburokora.
34 Ndababwire, muri iryo joro abantu babiri bazoba ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe;
35 aho abagore babiri bazoba bariko barasera hamwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe; [
36 aho babiri bazoba mu mirima, umwe azojanwa, uwundi arekwe.]
37 Baramubaza bati: “Bizoba hehe ga Mushingantahe?” Arabishura ati: “aho umuvyimba uri hose, ni ho ibikona bizokoranira.”