Kirundi Bible

Luka

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24

Chapter 18

Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe.
2 Arababwira ati: “Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu.”
3 Muri ico gisagara hari umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramusaba ko amucira urubanza rumukiza umwansi wiwe.
4 Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribwira ati: “Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z'abantu,
5 ariko kuko uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza.”
6 Kandi Umwami Yesu aravuga ati: “Ni mwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.”
7 None mbega Imana ntizocira urubanza rukiza abo yatoranije, bayiborogera ku murango no mw'ijoro, naho ibatevya?
8 Ndababwira yuko izorubacira vuba. Ariko Umwana w'umuntu ni yaza, mbega azosanga ukwizera mw'isi?
9 Uwu mugani na wo awucira abiyizigira ubwabo ko bagororotse, bagakengera abandi bose
10 Ati: “Abantu babiri baduze baja mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo, uwundi yari umutozakori.”
11 Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe ati: “Mana, ndagushimye yuko ntameze nk'abandi bose, abasahura, abagabitanya, abasambanyi canke n'abameze nk'urya mutozakori.”
12 Mu misi indwi yose nisonzesha kabiri, ntanga icacumi c'ivyo ndonka vyose.
13 Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngo arabe mw'ijuru, ariko arishishitira ati: “Mana, ngirira ikigongwe, ndi umunyavyaha.”
14 Ndababwire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
15 Maze bamuzanira abana babo b'inzoya ngo abakoreko. Abigishwa babibonye barabakankamira.
16 Maze Yesu arabahamagara ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze; kuko ubwami bw'Imana ari ubwo abameze batyo.”
17 Ndababwire ukuri; Uwutazokwakira ubwami bw'Imana nk'umwana muto ntazobwinjiramwo na gatoya.
18 Umukuru w'isengero ry'Abayuda aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nzoragwe ubugingo budashira?”
19 Yesu aramubaza ati: “Unyitira iki mwiza?” Nta mwiza atari umwe, ni we Mana.
20 Urazi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.
21 Aramubwira ati: “Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bwanje.”
22 Yesu avyumvise aramubwira ati: “N'ubu uracahajije kimwe; shora ivyo ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw'ijuru, uteko uze, unkurikire.”
23 Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yari atunze vyinshi.
24 Yesu amwitegereje aravuga ati: “Erega biragoye ko aba vyinshi binjira mu bwami bw'Imana!”
25 Kuko icoroshe ari uko ingamiya yoca mw'izuru ry'urushinge hako umutunzi yinjira mu bwami bw'Imana.
26 Abavyumvise baravuga bati: “Ubu rero, ni nde ashobora gukizwa?”
27 Maze arababwira ati: “Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.”
28 Petero aravuga ati: “Raba, twebwe twaretse ivyacu, turagukurikira.”
29 Arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Nta waretse inzu, canke umugore, canke abavukanyi biwe, canke abavyeyi, canke abana, ku bwo ubwami bw'Imana,
30 atazobishumbushwa umurengera muri iki gihe, no mu gihe kizoza atazohabwa ubugingo budashira.”
31 Yihereranya bamwe icumi na babiri, arababwira ati: “Ehe turaduze i Yerusalemu, kandi ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana vyose bizoshika ku Mwana w'umuntu.”
32 Azoshirwa mu maboko y'abanyamahanga, acokorwe, ateterezwe, avumwe amate;
33 kandi bazomushishagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka.
34 Ntibagira ico batahura muri ivyo, kandi iryo jambo bari barihishijwe, ntibamenya ivyo babwiwe.
35 Ageze hafi y'i Yeriko, hari impumyi yicaye i ruhande y'inzira, isegerereza.
36 Yumvise ishengero rihita, ibaza ivyo ari vyo.
37 Barayibwira bati: “Ni Yesu Umunyanazareti ahita.”
38 Irasemerera iti: “Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.”
39 Abagiye imbere barayizibiranya ngo ihore. Ariko irushiriza cane gutakamba iti: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.”
40 Yesu arahagarara, avuga ko bayimuzanira; ishitse hafi, arayibaza
41 ati: “Ugomba ko ndagukorera iki?” Iramwishura iti: “Ndagomba guhumuka, Mwami wanje.”
42 Yesu arayibwira ati: “Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije.”
43 Aca ahumuka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana; abantu bose babibonye bashima Imana.

« Chapter 17 Chapter 19 »