Kirundi Bible

Luka

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24

Chapter 15

Abatozakori bose n'abanyavyaha bariko baramwegera, ngo bamwumve.
2 Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baridodomba bati: “Uwo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.”
3 Abacira uwu mugani
4 ati: “Hogira umuntu muri mwebwe afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongo icenda n'icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza aho ayibonera?”
5 Iyo ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe;
6 yashika mu rugo, agahamagara incuti ziwe n'ababanyi biwe, akababwira ati: “Tunezeranwe, kuko ndabonye intama yanje yari yazimiye.”
7 Ndababwira yuko mw'ijuru bazonezererwa batyo umunyavyaha umwe yihanye, bakamurutisha abagororotsi mirongo icenda n'icenda batarinda kwihana.
8 Canke umugore yogira amahera icumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza aho aribonera?
9 Iyo aribonye, ahamagara incuti ziwe n'ababanyi biwe, akababwira ko anezewe, kuko abonye ihera yari yazimije.
10 Ndababwire, Uko ni ko haba umunezero imbere y'abamarayika b'Imana ku bwo umunyavyaha umwe yihanye.
11 Kandi arababwira ati: “Habaye umuntu yari afise abahungu babiri.”
12 Umuhererezi abwira se ati: “Data ni umpe umugabane w'ibintu notwaye.” Abagaburira itunga ryiwe.
13 Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo asesagurira ibintu vyiwe mu buhumbu.
14 Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera muri ico gihugu, atangura gufutana.
15 Aragenda, ashumba ku muntu wo muri ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube.
16 Yifuza guhazwa n'ibishishwa ingurube zarya, ntihagira uwubimunutsa.
17 Yisubiyemwo, aribwira ati: “Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahazwa n'ivyo kurya bakabisigaza, nayo jeho inzara iriko iranyicira hano.”
18 Reka mve hasi, nje kwa data, ndamubwire nti: “Data, nacumuye ku Yo mw'ijuru no mu maso yawe,
19 singikwiye kwitwa umwana wawe. Pfuma ungira umucangero wawe.”
20 Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mu nda, aramugumbira.
21 Wa muhungu aramubwira ati: “Data, nacumuye ku Yo mw'ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.”
22 Maze se abarira abashumba biwe ati: “Ni muzane ningoga ikanzu iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n'impeta ku rutoke n'ibirato mu birenge.
23 Muzane ya nka ivyibushe inuze, muyibage, turye tunezerwe.
24 Kuko uwu mwana wanje yari yarapfuye, none arazutse; yari yarazimiye none arabonetse.” Nuko batangura kunezerwa.
25 Ariko umwana wiwe w'imfura yari mu murima; ariko araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n'intambo.
26 Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivyo ari vyo.
27 Aramwishura ati: “Murumunawe yaje, so yamubagiye ya nka ivyibushe inuze, kuko amubonye agikomeye.”
28 Araraka, yanka kwinjira. Se arasohoka, aramwinginga.
29 Maze abwira se ati: “Raba iyi myaka ingana itya ndagukorera, nta ho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje nta ho wigeze kumpa n'agasuguru, ngo nezeranwe n'abagenzi.”
30 Maze uwo mwana wawe aje, yamaze ivyawe abisambanisha, umubagira ishuri inuze.
31 Na we aramubwira ati: “Mwana wanje, tubana imisi yose, kandi ivyanje vyose ni ivyawe.
32 Ariko akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye. Kuko uwu murumunawe yari yapfuye, none arazutse; yari yarazimiye none arabonetse.”

« Chapter 14 Chapter 16 »