Chapter 14
Yinjiye mu nzu y'umwe mu bakuru b'Abafarisayo kw'isabato kurya, baramugenza.
2 Imbere yiwe hari umuntu arwaye urusina.
3 Yesu abaza abigisha ivyagezwe n'Abafarisayo ati: “Mbega biremerwa gukiza umuntu kw'isabato, canke ntivyemerwa?”
4 Maze barihorera. Aramufata, aramukiza, aramusezera.
5 Kandi arababaza ati: “Ni nde muri mwebwe afise umwana canke inka, hogira igikorokera mw'iriba, ntiyoca agikurayo kw'isabato?”
6 Ntibashobora kumwishura muri ivyo.
7 Kandi acira umugani abatumiwe, abonye ingene batanguranwa ivyicaro vy'icubahiro;
8 arababwira ati: “Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuzokwicare mu cicaro c'abakuru; ngo kumbure ntihabeho umuntu akurusha icubahiro yatowe,
9 kandi uwabatoye mwempi akaza akakubwira ati: “Ni ubise uwu ahicare. Ni ho uzomaramara, ukagenda, ukicara inyuma y'abandi bose.
10 Ariko ni watumirwa, ugende, wicare inyuma y'abandi bose, kugira ngo uwagutoye aje, akubwire ati: “Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y'abo mwicaranye musangira bose.”
11 Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
12 Kandi abwira uwamutumiye ati: “Ni wategura inzimano ku murango canke mw'ijoro, ntuzotumire abagenzi bawe canke abo muvukana canke incuti zawe canke ababanyi bawe b'abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakagusubiriza.
13 Ariko ni wategura inzimano, upfume utumira aboro, ibirema, abacumbagira n'impumyi: ni ho uzoba uhiriwe;
14 kuko badafise ivyo kukwishura, ariko uzokwishurwa mw'izuka ry'abagororotsi.
15 Maze umwe mu bicaranye na we avyumvise, aramubwira ati: “Harahiriwe uwuzorira mu bwami bw'Imana.”
16 Na we aramubwira ati: “Habaye umuntu yarondeje amazimano menshi, atumira benshi.
17 Igihe co kurya gishitse, atuma umushumba wiwe kubarira abatowe, ngo baze, kuko bihejeje gutegurwa.”
18 Bose bahuriza hamwe umutima wo kwidohora, baramwisaba. Uwa mbere ati: “Naguze itongo, nkwiye kuja kuriraba; ndakwinginze, uramvugira antunge.”
19 Uwundi ati: “Naguze inka icumi, ngiye kuzirimisha ngo ndabe; ndakwinginze, uramvugira antunge.”
20 Uwundi ati: “Narongoye, ni co kimbujije kuza.”
21 Maze wa mushumba agarutse, abwira shebuja uko vyagenze. Nyene urugo araraka, abarira umushumba wiwe ati: “Genda ningoga, uje mu nzira zagutse no mu nzira ntonto zo mu gisagara, uzane hano aboro n'ibirema n'impumyi n'abacumbagira.”
22 Umushumba wiwe ati: “Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, ariko imyanya iracasigaye.”
23 Shebuja abarira uno mushumba wiwe ati: “Genda uje mu nzira zagutse no mu mihora, ubagobere baze, kugira ngo inzu yanje yuzure.”
24 Ndababwira yuko ata muntu n'umwe wo muri abo natumiye aza kugira ico atamira mu vyo nabateguriye.
25 Kandi ishengero ryinshi ryari rijanye na we. Arahindukira, arababwira
26 ati: “Umuntu ni yazako, ntiyanke se, nyina, umugore wiwe, abana biwe, abavukanyi biwe, bashiki biwe, mbere n'amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.”
27 Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
28 Ni nde muri mwebwe agomba kwubaka umunara w'amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c'amahera yowubaka, ngo amenye yuko afise ayowuheraheza?
29 Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y'intango, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga
30 bavuga ko uwu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza.
31 Canke hari umwami yoba agiye guhura n'uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi icumi guhwana ni uwumuteye ari n'ingabo ibihumbi mirongo ibiri?
32 Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumako intumwa, akamubaza indishi yomuha ngo babane amahoro.
33 Ni ko biri, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyo afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.
34 Umunyu ni mwiza; ariko umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa ni igiki?
35 Nta co umaze mu murima canke mw'icukiro; bapfa kuwuta. Uwuri n'amatwi yumva ni yumve.