Chapter 19
Ashika i Yeriko, ariko arahaca.
2 Hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari umutunzi.
3 Ageza kuraba Yesu, ngo amenye uko asa, bimwankira ku bwo ishengero, kuko yari mugufi.
4 Arirukanga, aja imbere, yurira igiti citwa umusukomora ngo amurabe, kuko yagira ace muri iyo nzira.
5 Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira ati: “Zakayo, ururuka vuba, kuko uwu musi nkwiye kurara i wawe.”
6 Yururuka vuba, amwakirana akanyamuneza.
7 Babibonye, bose baridodomba bati: “Ko yinjiye kurarira umuntu w'umunyavyaha!”
8 Zakayo arahagarara, abwira Umwami Yesu ati: “Raba Mugenzi, umugabane w'itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kandi umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.”
9 Yesu amuvugako ati: “Uwu musi agakiza gashitse muri iyi nzu, kuko uwu na we ari umwana wa Aburahamu.”
10 Kandi Umwana w'umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.
11 Bakiriko barumva ivyo, avyongerako umugani, kuko yari hafi y'i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuko ubwami bw'Imana bugira buboneke uwo mwanya;
12 nuko aravuga ati: “Habaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngo agaruke.”
13 Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha ibingorongoro icumi vy'izahabu, arababarira ati: “Muyacuruze, gushika aho nzozira.”
14 Ariko abantu biwe baramwanka, bamukurikiza intumwa bati: “Uwo ntitugomba ko atuganza.”
15 Agarutse, amaze kwimikwa, ahamagaza ba bishikira yasigaranye ya mahera, ngo amenye inyungu umuntu wese yungutsemwo mu kuyacuruza.
16 Uwa mbere arengutse, aravuga ati: “Mugenzi, ibingorongoro cawe cungutsemwo ibindi bingorongoro vy'inzahabu icumi.”
17 Aramubwira ati: “Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, ni ube umutware w'ibisagara icumi.”
18 Uwa kabiri arengutse, aravuga ati: “Mugenzi, ibingorongoro cawe cungutsemwo ibindi bingorongoro bitanu.”
19 Uwo na we aramubarira ati: “Nawe twara ibisagara bitanu.”
20 Uwundi arengutse, aravuga ati: “Mugenzi, ngiki kingorongoro cawe, nabitse kitekeye mu kiremo;
21 kuko nagutinye ko uri umuntu w'umuhambazi, uterura ivyo utahateretse, wimbura ivyo utarimye.”
22 Aramubwira ati: “Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko wari uzi yuko ndi umuntu w'umuhambazi, nterura ivyo ntahateretse, nimbura ivyo ntarimye;
23 none se cakubujije guha abacuruza amahera yanje, nanje nagaruka nkayakwaka n'inyungu yayo?”
24 Abarira abahagazeho ati: “Ni mumwake ca kingorongoro, mugihe uwufise ibingorongoro icumi.”
25 Baramubwira bati: “Mugenzi, mbega ko afise icumi!”
26 Ndababwire, Uwufise wese azohabwa, ariko uwudafise azokwakwa n'ico yarafise.
27 Ariko abo bansi banje batakunze ko ndabaganza ni mubazane hano, mubicire imbere yanje.
28 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, aduga aja i Yerusalemu.
29 Ageze hafi y'i Betifage n'i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa,
30 arababarira ati: “Nimuje muri iriya mihana iri imbere yanyu, ni mwayishikamwo, murabona inyana y'indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako; muyiziture muyizane.
31 Kandi ni hagira uwubabaza igitumye muyizitura? mumwishure ko Sobuja ari we ayigomba.”
32 Abatumwe baragenda, babisanga uko yabibabwiye.
33 Bariko barazitura ya nyana y'indogoba, bene yo barababaza bati: “Ko muzitura iyo nyana ni ibiki?”
34 Barabishura bati: “Databuja ni we ayigomba.”
35 Bayizanira Yesu, bayishirako impuzu zabo, bayiterekako Yesu.
36 Ariko aragenda, basasa impuzu zabo mu nzira.
37 Agira ashike, ageze ku kamanuko k'umusozi wa Elayono, ishengero ryose ry'abigishwa ritangura kunezerwa no guhimbaza Imana n'ijwi rirenga, bayishimira ibitangaza babonye vyose
38 bati: “Nihashemezwe Umwami, aje mw'izina ry'Uhoraho, Amahoro abe mw'ijuru, Icubahiro ni kibe mw'ijuru ahasumba vyose.”
39 Abafarisayo bamwe bo mw'ishengero baramubarira bati: “Mwigisha, zibiza abigishwa bawe.”
40 Arabishura ati: “Ndababwire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.”
41 Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra
42 ati: “Uwu musi iyo umenya ivyo amahoro! Ariko ubu bihishijwe amaso yawe.”
43 Kuko imisi izokuzako, aho abansi bawe bazokurundira ikirundo c'ivu kigukikije, na bo ubwabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,
44 bakagukekana n'abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utamenye igihe wagendewemwo.
45 Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo,
46 arababwira ati: “Vyanditswe, ngo ingoro yanje izoba inzu yo gusengeramwo; ariko mwebwe mwayihinduye nk'isenga ry'abambuzi.”
47 Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Ariko abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe n'abantu bakurubakuru bo muri ubwo bwoko barondera ingene bomwica,
48 babura uko bamugira; kuko abantu bose bari bamurundanyeko, batamariwe.