Kirundi Bible

Luka

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24

Chapter 22

Imisi mikuru y'ukurya imitsima itambiwe yitwa Pasika yagira ishike.
2 Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barondera uburyo bwo kumwica, kuko batinya abantu.
3 Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe icumi na babiri.
4 Aragenda, aja inama n'abaherezi bakuru n'abakuru b'abacungera irembo ry'urusengero, y'uburyo bwo kumubaronkera.
5 Baranezerwa, basezerana kumuha amahera y'ifeza.
6 Na we aremera, arondera uburyo bwo kumubaronkera, ishengero ritariho.
7 Umusi w'ukurya imitsima itambiwe urashika, uwo bakwiye kubagako umwagazi w'intama wa Pasika.
8 Atuma Petero na Yohana, arababarira ati: “Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.”
9 Baramubaza bati: “Ugomba ko tubitegurira hehe?”
10 Arabishura ati: “Umve, mumaze gushika mu gisagara, murahura n'umugabo yikoreye umubindi w'amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo.”
11 Mubwire nyene urugo ko umwigisha abaza aho indaro iri, aho asangirira ivya Pasika n'abigishwa biwe?
12 Na we arabereka icumba kinini co mw'igorofa gitunganijwe; mube ari co muteguriramwo.
13 Baragenda, babisanga uko yabibabariye, bategura ivya Pasika.
14 Igihe gishitse, aricara ngo arye, kandi intumwa na zo zicarana na we.
15 Arababwira ati: “Nari navyipfuje cane gusangira namwe ivyo iyi Pasika, ntarababazwa.
16 Ndababwire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza aho izoshikira mu bwami bw'Imana.”
17 Yakira igikombe, agishimira Imana, arababarira ati: “Nimucakire, mugisangire;
18 kuko ndababwira yuko uhereye ubu ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza aho ubwami bw'Imana buzozira.”
19 Yakira umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababwira ati: “Uwu ni umubiri wanje ubatangiwe; murakore mutya kugira ngo kibe icibutso canje.”
20 N'igikombe akigenza atyo bahejeje kurya, arababwira ati: “Iki gikombe n'isezerano rishasha ryo mu maraso yanje, abaviriye.”
21 Kandi raba, ukuboko kw'uwungura kuri kumwe nanje ku meza.
22 Ni ukuri, Umwana w'umuntu aragenda, nk'uko vyashinzwe; ariko uwo muntu amugurisha azobona ibara.
23 Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu. Abigishwa baja Impari z'ivyo ubukuru
24 Maze havyuka impari muri bo, z'uwuzoba umukuru uwo ari we.
25 Arababwira ati: “Abami b'amahanga bayatwaza amanyama, n'abafise ububasha bwo kuyaganza bitwa ba rutungaboro.”
26 Ariko mwebwe si uko; mugabo umukuru muri mwebwe abe nk'umuto, n'uwuganza abe nk'uwubakorera.
27 Umukuru ni nde, ni uwukorerwa, canke ni uwumukorera? Mbega si uwukorerwa ariko jeho ndi hagati muri mwebwe meze nk'uwubakorera.
28 Ni mwebwe mwamanye nanje mu vyo nageragejwe.
29 Nanje ndababikiye ubwami, nk'uko Data ya bumbikiye,
30 ngo muzorire, munywere ku meza yanje mu bwami bwanje; kandi muzokwicara ku ntebe z'icubahiro mucire imanza imiryango y'Abisirayeli, uko ari icumi n'ibiri.
31 Aravuga ati: “Simoni, Simoni, raba Satani yabasavye ngo abagosore nk'ingano;
32 ariko wewe nagusengeye ngo ukwizera kwawe ntiguhere.” Nawe ni wamara guhinduka, uzoremeshe incuti zawe.”
33 Aramubwira ati: “Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw'ibohero no mu rupfu.”
34 Aramubwira ati: “Petero, ndakubwire, Inkoko itarabika uwu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi.”
35 Kandi arababaza ati: “Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w' amahera canke isaho canke ibirato, hari ico mwabuze?” Baramwishura bati: “Nta co twabuze.”
36 Arababwira ati: “Ariko noneho, uwufise umupfuko w'amahera awujane, n'uwufise isaho ayijane; kandi uwudafise inkota, ashore impuzu yiwe ayigure.”
37 Ndababwire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharuranywe n'abanyabicumuro. Kuko ivyanje bigira bishike.
38 Baramubwira bati: “Mushingantahe, ehe, ngizi inkota zibiri.” Arababwira ati: “Ziramaze.”
39 Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk'uko yamenyereye; abigishwa biwe na bo baramukurikira.
40 Ashitse aho hantu, arababarira ati: “Ni musenge, kugira ngo ntimuje mu mosha mabi.”
41 Atandukana na bo, ashika nk' ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga
42 ati: “Data, asangwa ubigomba, kura iki gikombe, kindengane: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
43 Umumarayika aramwiyereka, avuye mw'ijuru, amutera intege.
44 Arushirije kwicwa n'umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk'ibitonyanga binini vy'amaraso bitonyanga hasi.
45 Amaze gusenga, ava hasi aja aho abigishwa bari, asanga basinzirijwe n'umubabaro.
46 Arababaza ati: “Ni igiki gitumye musinzira? Ni muvyuke, musenge, ntimuje mu mosha mabi.”
47 Akivuga, haza igitero kizanywe n'uwitwa Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, abagiye imbere; yegera Yesu, ngo amusome.
48 Yesu aramubaza ati: “Yuda, mbega utangisha Umwana w'umuntu kumusoma?”
49 Abari kumwe na we babonye ibigira bibeho, baramubaza bati: “Mugenzi, tubakubite inkota?”
50 Umwe muri bo ayikubita umusavyi w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw'i buryo.
51 Yesu arababarira ati: “Geza aho.” Akora ku gutwi kwiwe, aramukiza.
52 Yesu abaza abaherezi bakuru n'abakuru b'abacungera irembo b'urusengero n'abashingantahe bamuziriye ati: “Mbega munziriye nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri?
53 Imisi yose namana namwe mu rusengero ko mutaramvuye amaboko ngo mumfate; ariko iki n'igihe canyu n'ico ububasha bw'umwiza.”
54 Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y'umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka.
55 Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo.
56 Incoreke imubona yicaye ahabona, imwitegereje iravuga iti: “N'uwu yari kumwe na we.”
57 Na we arabihakana ati: “Eka nyina wanje, sindanamuzi.”
58 Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubwira ati: “Nawe nyene uri uwo muri bo.” Petero aramwishura ati: “Eka wa muntu, si jewe.”
59 Hashize umwanya nk'isaha imwe, uwundi abivuga ashimitse ati: “Ni ivyo ukuri, uwu yari kumwe na we, bitayeko n'Umunyagalilaya.”
60 Petero aramubwira ati: “Eka wa muntu, sinzi n'ivyo uvuze.” Akivuga, uwo mwanya inkoko irabika.
61 Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry'Umwami, ingene yamubwiye ati: “Uwu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.”
62 Arenga irembo, araturika ararira.
63 Abagabo bari bafashe Yesu baramushinyagurira, baramushishagura,
64 bamupfuka mu maso, baramubaza bati: “Pfindura: ni nde agukubise?”
65 N'ibindi vyinshi babimuvuga bamutuka.
66 Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b'ubwo bwoko, ni bo baherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, bamujana mw'ikoraniro ry'abashingantahe ryabo, baramubaza
67 bati: “Namba uri Kristo, tubwire.” Arababwira ati: “N'iyo nobabwira, ntimwovyemera;
68 n'iyo nobabaza, ntimwonyishura.”
69 Ariko uhereye ubu Umwana w'umuntu azoba yicaye i buryo bw'ububasha bw'Imana.
70 Bose baramubaza bati: “None rero uri Umwana w' Imana?” Arabishura ati: “Muravyivugiye ko ndi we.”
71 Bati: “Turacaronderera iki ivyabona? Kuko ubwacu tuvyiyumviye ibivuye mu kanwa kiwe.

« Chapter 21 Chapter 23 »