Kirundi Bible

Luka

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24

Chapter 16

Maze abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umuntu w'umutunzi yari afise umukuru w'abakozi bo mu rugo rwiwe, bamumuregako ko asesagura ibintu vyiwe.”
2 Aramuhamagaza, aramubaza ati: “Ivyo ndakwumvako ni ibiki?” Harura igitigiri c'ivyo wabikijwe, kuko utagikwiye kuba umukuru w'abakozi bo mu rugo rwanje.
3 Uwo mukuru w'abakozi bo mu rugo aribaza ati: “Mbe ndabigire gute, ko databuja agira ansohore mu bubwiriza bwanje?” Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosegerereza.
4 Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubwiriza bazontunge mbe mu ngo zabo.
5 Ahamagara abari n'imyenda ya shebuja bose umwumwe, abaza uwa mbere ati: “Harya databuja umufitiye ibingana iki?”
6 Aramwishura ati: “Ingero ijana z'amavuta ya elayo.” Na we ati: “Akira ikete ryawe, wicare ningoga, wandike mirongo itanu.”
7 Kandi abaza uwundi ati: “Harya weho umufitiye ibingana iki?” Aramwishura ati: “Ingero ijana z'ingano.” Aramubarira ati: “Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.”
8 Nuko shebuja ashima uwo munyabigega agabitanya, kuko yakoze ivyo ubwenge; kuko abana b'iki gihe bagira ubwenge mu vy'ubu bugingo kurusha abana b'umuco.
9 Nanje ndababwire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura bazobatunge mube muri za ngo zitazoshira.
10 Uwukora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira atyo no ku gikomeye. Uwugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.
11 Namba mutabaye abizigirwa kw'itunga ribi mubikijwe, ni nde azobabitsa itunga nyaryo?
12 Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy' abandi mwabikijwe, ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira?
13 Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kuri umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n'Itunga.
14 Abafarisayo, bari abantu bakunda itunga, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.
15 Arababwira ati: “Mwebwe mugomba kwiyerekana nk'abagororotse mu maso y'abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu; kuko igishizwe hejuru mu bantu ari igisesema mu maso y'Imana.”
16 Ivyagezwe, bo n'amajambo y'abavugishwa n'Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana. Uhereye ico gihe ubutumwa bwiza bw'ubwami bw'Imana ni ho bwavugiwe, umuntu wese akabutanguranirwa.
17 Icoroshe ni uko ijuru n'isi vyovaho, hako akazatsa na kamwe kova ku rudome rumwe rwo mu vyagezwe.
18 Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akarongora uwundi, aba asambanye; kandi n'uwurongora umugore yahukanye n'umugabo wiwe aba asambanye.
19 Habaye umuntu w'umutunzi yambara impuzu zitukura z'igiciro kinini n'izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.
20 Kandi hariho n'umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw'irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.
21 Yifuza guhazwa n'udukorokera musi y'imeza y'uno mutunzi; kandi imbwa na zo zaraza zikamurigata ibisebe.
22 Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu. Na nya mutunzi arapfa, arahambwa.
23 Ari i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.
24 Aratabaza ati: “Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y'urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe muri uru rubeya.”
25 Aburahamu aramubwira ati: “Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi. None amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.”
26 Mbere ukuye n'ivyo, hagati yacu namwe hariho imanga ihambaye yashizweho kugira ngo ni hagira abagomba kuva ino bakaja aho muri ntibabishobore, kandi ngo ntibave iyo ngo bashike aho turi.
27 Na we ati: “Ndakwingize se muvyeyi, umurungike mu rugo kwa data,
28 kuko mfise bene mama batanu; ababwire uko bimeze, ngo na bo ntibazoze hano hantu ho kubabarizwa.”
29 Aburahamu aramubwira ati: “Bafise ivya Mose n'ivyo abavugishwa n'Imana, ni babumvire.”
30 Na we ati: “Oyaye, Aburahamu muvyeyi, ariko ni hajayo uwuvuye mu bapfuye, bazokwihana.”
31 Aramubwira ati: “Ni batumvira Mose n'abavugishwa n'Imana, ntibokwemera naho umuntu yozuka mu bapfuye.”

« Chapter 15 Chapter 17 »