Chapter 23
Iryo koraniro ryose riva hasi, bamujana kwa Pilato.
2 Batangura kumwagiriza bati: “Uwu twamubonye agumura ubwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.”
3 Pilato aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?” Na we aramwishura ati: “Uravyivugiye.”
4 Pilato abwira abaherezi bakuru n'ishengero ati: “Nta kibi mbona kuri uwo muntu.”
5 Na bo barashimika bati: “Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya none ageza n'ino.”
6 Pilato avyumvise, abaza yuko uwo muntu ari Umunyagalilaya.
7 Amenye yuko ari uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yari i Yerusalemu muri iyo misi.
8 Herode abonye Yesu aranezerwa cane, kuko yahereye kera yipfuza kumuraba, kuko yahora yumva ivyiwe, kandi yaziga ko yobona ikimenyetso yokora.
9 Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.
10 Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane.
11 Herode aramutitura, hamwe n'abasoda biwe, aramushinyagurira, maze amwambika impuzu itukura y'agaciro, amusubiza kwa Pilato.
12 Uwo musi nyene Herode na Pilato baca barakundana kandi bari basanzwe bankana.
13 Pilato akoranya abaherezi bakuru n'abashingantahe n'abantu,
14 arababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu ngo agumure abantu; none jewe namusambishije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze.”
15 Na Herode ni uko, kuko yamudushubije; kandi raba nta co yakoze gikwiye kumwicisha.
16 Nuko ndamukubita, ndamurekure. [
17 Kuko yari akwiye kubarekurira imbohe imwe muri iyo misi mikuru.]
18 Ariko bose basemererera icarimwe bati: “Kuraho uwo, uturekurire Baraba.”
19 Uwo yari yashizwe mw'ibohero bamuhoye ukugarariza kwabaye muri ico gisagara, bo n'ubwicanyi.
20 Pilato yongera kubabwira, kuko agomba kurekura Yesu.
21 Ariko bo barayogora bati: “Mubambe, mubambe.”
22 Ababaza ubugira gatatu ati: “Ku ki? uwu yakoze ikibi giki? Sindamubonako igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.”
23 Ariko bakovya kuyogora bavuga n'amajwi arenga, bamusaba ko abambwa, amajwi yabo aramunesha.
24 Nuko Pilato aca urubanza nk'uko bamusavye.
25 Arekura uwashizwe mw'ibohero bamuhoye ubugarariji n'ubwicanyi, uwo basavye; maze atanga Yesu ngo agirwe uko bagomba.
26 Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu mihana, bamukorera umusaraba, ngo awikorere akurikiye Yesu.
27 Ishengero ry'abantu ryinshi riramukurikira, ririmwo n'abagore bamuborogera, bamuborogera.
28 Yesu arakebuka ati: “Yemwe bakobwa b'i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n'abana banyu,
29 kuko imisi izoza bazovuga bati: 'Garahiriwe abagumbashe n'inda zitigeze kuvyara n'amabere atigeze kwonsa.'”
30 Ni ho bazotangura kubarira imisozi bati: “Ni mutugweko;” n'imirambi bati: “Ni mudupfuke.”
31 Ko bagirira batyo igiti kibisi, none icumye kizogirirwa gite?
32 Bamujanana n'inkozi z'ikibi zibiri ngo zicanwe na we.
33 Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z'ibibi, umwe i buryo bwiwe, uwundi mu bubamfu.
34 Yesu aravuga ati: “Data, n'ubaharire, kuko batazi ico bakora.” Bagabura impuzu ziwe, bakoresheje ubupfindo.
35 Abantu bahagarara baraba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw'ijigo bati: “Yakijije abandi, ni yikize, namba ari Kristo w'Imana, uwatoranijwe na yo.”
36 N'abasoda baramucurira, baramwegera, bamuha inkarisha,
37 baramubarira bati: “Ni waba uri Umwami w'Abayuda, ni wikize.”
38 Hejuru yiwe kandi hari icandiko canditswe, ngo uwu NI UMWAMI W'ABAYUDA.
39 Umwe mu nkozi z'ibibi zibambwe aramutuka ati: “Si wewe Kristo? Ni wikize, natwe udukize.”
40 Ariko uwa kabiri amwishura amuhana ati: “No kwubaha Imana ntuyubaha, kandi uciriwe urubanza rumwe n'urwiwe?”
41 Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n'ivyo twakoze; ariko uwu nta kibi yakoze.
42 Kandi aravuga ati: “Urahava uzonyibuke Yesu, aho uzozira mu bwami bwawe.”
43 Aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uwu musi urabana nanje muri Paradiso.”
44 Kandi hari nk'isaha zitandatu, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw'isaha y'icenda
45 izuba ryazimanganye. Igihuzu gikingiriza ahera cane h'urusengero gitabukamwo kubiri.
46 Yesu amaze gusemerera n'ijwi rirenga, aravuga ati: “Data, nshize ubugingo bwanje mu maboko yawe.” Ahejeje kuvuga atyo aracikana.
47 Intwazangabo z'abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana ati: “Ni ukuri uwu muntu yari umugororotsi.”
48 Ishengero ryose ryari ribikungereye, babonye ibibaye basubira inyuma bamuborogera.
49 Abazinanyi na Yesu bose n'abagore bari bavanye i Galilaya na we bari bahagaze kure babiraba.
50 Maze hari umuntu yitwa Yosefu, yari umushingantahe mu nama nkuru, kandi Yari umunyangeso nziza agororotse.
51 Uwo ntiyari yafatanije inama n'abandi n'ivyo bakoze; yari Umunyarimataya, igisagara c'Abayuda, yari areretse ubwami bw'Imana.
52 Uwo aja kwa Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.
53 Arakibambura, akizingira mu mpuzu yera, agishira mu mva yimbwe mu bitandara, itarahambwamwo umuntu.
54 Wari umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike.
55 Abagore bari bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n'ingene ikiziga ciwe gishizwemwo.
56 Basubira inyuma, bategura ibimota neza n'amavuta amota cane. Kandi kw'isabato bararuhuka, nk'uko vyagezwe.