Chapter 24
Ku wa mbere w'indwi kare mu mutwenzi baja kuri ya mva, bajanye vya bimota neza bateguye.
2 Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva;
3 binjirayo ntibasangamwo ikiziga c'Umwami Yesu.
4 Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.
5 Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza bati: “Ni igiki gitumye muronderera uwuriho, ahantu h'abapfuye?”
6 Ntari hano, ariko yazutse. Mwibuke uko yababwiye, akiri i Galilaya
7 ati: “Umwana w'umuntu akwiye gushirwa mu maboko y'abanyavyaha, no kubambwa, no kuzuka ku musi ugira gatatu.”
8 Bibuka ya majambo yiwe.
9 Bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe icumi n'umwe n'abandi bose.
10 Abo bagore ni Mariya Magadalene, Yowana na Mariya nyina wa Yakobo; kandi n'abandi bagore bari kumwe na bo, babarira intumwa ivyo.
11 Ayo majambo ababera nk'umuyaga, ntibabemera.
12 Ariko Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene; asubira i we, atangajwe n'ibibaye.
13 Uwo musi nyene babiri muri bo bari mu nzira baja mu mihana ahitwa Emawusi, ni nko ku birometero icumi na kimwe uvuye i Yerusalemu,
14 bavugana ivyabaye vyose.
15 Bakivugana babazanya, Yesu ubwiwe arabegera, ajana na bo.
16 Ariko amaso yabo atabwamwo uruhuni ngo ntibamumenye.
17 Arababaza ati: “Mbega ivyo mugenda murabazanya ni ibiki?” Barahagarara, bijiriwe.
18 Umwe muri bo yitwa Kileyopa aramwishura ati: “Mbega ni wewe gusa watse indaro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo muri iyi misi?”
19 Arababaza ati: “Ni ibiki?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu Umunyanazareti, yari umuntu avugishwa n'Imana, akaba umunyabushobozi bwinshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y'Imana n'imbere y'abantu bose:
20 n'ivyo uko abaherezi bakuru n'abashingantahe bacu bamutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba.”
21 Kandi twari twishimiye yuko ari we azocungura Abisirayeli. Kandi ikigeretseko, uwu ni umusi ugira gatatu uhereye aho ivyo vyabereye.
22 Kandi n'abagore bo muri twebwe badutangaje, bazindutse baja ku mva;
23 babuze ikiziga ciwe, baraza batubarira yuko abamarayika babiyeretse bavuga yuko ariho.
24 Kandi na bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva basanga ari ko biri, uko abo bagore batubariye; ariko we ntibamubona.
25 Arababwira ati: “Yemwe mwa mburabwenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abavugishwa n'Imana bavuze vyose!”
26 Mbega Kristo ntiyari akwiye kubabazwa atyo ngo abone kuja mu bwiza bwiwe?
27 Atangurira kuri Mose no ku bavugishwa n'Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyamwanditsweko.
28 Bashitse hafi y'umuhana bajako, amera nk'uwugomba kuwurengana.
29 Baramugobera bati: “Gumana natwe, kuko bugira bwire kandi umusi ukuze cane. Arinjira ngo agumane na bo.”
30 Yicaye ngo asangire na bo, yakira umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.
31 Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maze arakamangana, ntibaba bakimubona.
32 Baravugana bati: “Mbega imitima yacu ntiyari iriko irasimbagurika, aho yariko aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!”
33 Ako kanya nyene, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe icumi n'umwe bakoranye, bo n'abari kumwe na bo,
34 kandi bavuga bati: “Ni ukuri Umwami Yesu yazutse, kandi yabonywe na Simoni.”
35 Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n'uko yamanyaguye umutsima.
36 Bariko baravuga ivyo, Yesu ubwiwe ahagarara hagati muri bo, arababwira ati: “Amahoro abe muri mwebwe.”
37 Ariko bafatwa n'ubwoba bacika ivutu, bagira ngo n'umuzimu babonye.
38 Arababaza ati: “Ni igiki kibahagaritse imitima? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu?”
39 Ni murabe ibiganza vyanje n'ibirenge vyanje, mumenye ko ari jewe ubwanje. Ni munkorakore, murabe, kuko umuzimu utagira inyama n'amagufa, nk'ivyo mumbonana.
40 Avuze ivyo, abereka ibiganza vyiwe n'ibirenge.
41 Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza ati: “Hari utwo kurya mufise hano?”
42 Bamuha igice c'ifi yokeje,
43 aracakira, akirira imbere yabo.
44 Arababwira ati: “Aya ni amajambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe, y'ingene ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y'abavugishwa n'Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.”
45 Maze abungura ubwenge ngo batahure ivyanditswe.
46 Arababwira ati: “Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu,
47 kandi yuko ukwihana n'uguharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw'izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.
48 Namwe muri ivyabona vyo kuvuga ivyo.
49 Umve, ngira ndabarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw'ijuru.
50 Abavanaho, abashitsa aharabana n'i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira.
51 Akibahezagira, atandukanywa na bo, aduzwa mw'ijuru.
52 Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi.
53 Bama mu rusengero ubudasiba bashima Imana.