Kirundi Bible

Luka

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14 15 16 17 18 19 20 21 22 23 24

Chapter 13

Ico gihe abantu bari aho bamwiganira ivyo Abanyagalilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n'ayo ibitungwa bariko barashikana.
2 Arababaza ati: “Mbega mwiyumvira yuko abo Banyagalilaya barusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bagizwe batyo?”
3 Ndababwire, si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona mutyo mwese.
4 Canke ba bandi icumi n'umunani, bamwe umunara muremure w'amatafari w'i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko barusha abandi b'i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?
5 Oya na mba! Si ko biri. Na mwebwe ni mutihana muzohona mutyo mwese.
6 Kandi abacira uwu mugani ati: “Habaye umuntu yari afise igiti c'umusukoni catewe mu murima wiwe w'umuzabibu akironderako ivyamwa arabibura.”
7 Abwira umukozi w'uwo murima w'inzabibu ati: “Raba, ubu haheze imyaka itatu nza kurondera ivyamwa ku giti c'umusukoni, sindabibone; ni uwuce, kigasarira iki aha hantu?”
8 Na we aramwishura ati: “Ehe databuja, kireke uwu mwaka na wo, ndacorohereze, ndagitabirire.
9 Hanyuma ni cama insukoni bizoba ari vyiza; ariko ni yo kitama, uzogica.
10 Ku musi w'isabato Yesu yariko yigishiriza mu rusengero rumwe rw'Abayuda.
11 Hari umugore yinjiwemwo n'impwemu itera ubumuga, yari amaze imyaka icumi n'umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya.
12 Yesu amubonye aramuhamagara, aramubwira ati: “Nyina wanje, urabohowe ubumuga bwawe.”
13 Amurambikako ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana.
14 Ariko umukuru w'isengero ry'Abayuda yitonganiriza ivyo uko Yesu akijije umuntu kw'isabato, abwira abantu ati: “Hariho imisi itandatu, ikwiye gukorwako ibikorwa; mube ari yo muzako mukizwe, ariko atari ku musi w'isabato.
15 Umwami Yesu aramwishura ati: “Mwa ndyarya mwe, mbega umuntu wese muri mwebwe ntazitura inka yiwe canke indogoba yiwe mu ruhongore kw'isabato, akayijana, akayishora ku mugezi?”
16 None uwu ko ari umukobwa wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka icumi n'umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w'isabato?
17 Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramaramara, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy'agahebuza yakora vyose.
18 Kandi aravuga ati: “Ubwami bw'Imana busa n'iki, kandi ndabushushanye ni igiki?”
19 Busa n'akabuto k'umukaratusi, umuntu yakiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirere zikarika mu mashami yaryo.
20 Yongera kuvuga ati: “Ubwami bw'Imana ndabushushanye ni igiki?”
21 Busa n'umwambiro umugore yakiriye akawuvanga n'ingero zitatu z'ifu, gushitsa aho bikakamye yose.
22 Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu.
23 Umuntu aramubaza ati: “Mugenzi, mbega abakizwa ni bake?” Na we arababarira
24 ati: “Mushishikare guca mw'irembo ripfunganye. Ndababwira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.”
25 Nyene inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga ko umupfasoni abugururira. Ni ho azovuga ko atabazi, atazi n'iyo muvuye.
26 Ni ho muzotangura kuvuga ko mwarira, mwanywera imbere yiwe kandi yigishiriza mu nzira z'i wanyu.
27 Azobabwira ati: “Ndababwire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwebwe mwese mwabakora ibizira mwe.”
28 Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo, aho muzobonera Aburahamu, Isaka, Yakobo n'abavugishwa n'Imana bose bari mu bwami bw'Imana, namwe muhindiwe hanze.
29 Hazoza abava mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bazokwicara mu bwami bw'Imana.
30 Kandi hari abo inyuma bazoba abo imbere, n'abo imbere bazoba abo inyuma.
31 Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira bati: “Ni uve hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.”
32 Arababarira ati: “Ni mugende mubwire iyo mbwebwe ko nirukana abadayimoni, nkiza abantu uwu musi n'ejo, ku musi ugira gatatu nzotunganywa rwose.”
33 Ariko nkwiye kugenda uwu musi n'ejo na hirya y'ejo, kuko bidashoboka ko uwuvugishwa n'Imana yicwa, atari i Yerusalemu.
34 Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n'Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukorany'abana bawe, nk'uko inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.
35 Raba, inzu yanyu murayitanywe izocika umusaka. Kandi ndababwire, Ntimukimbona kugeza aho muzovugira muti: 'Hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho.'”

« Chapter 12 Chapter 14 »