Chapter 12
Muri ico gihe, ishengero ry'abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahera ku bigishwa biwe, arababarira ati: “Mwirinde umwambiro w'Abafarisayo, ni wo buryarya.”
2 Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke icanyegejwe kitazomenyekana.
3 Nuko ivyo mwavugiye mu mwiza vyose bizokwumvikanira mu muco, n'ico mwongoreraniye mu mazu haruguru kizovugirwa ku mazu hejuru.
4 Kandi ndabwira mwebwe abakunzi banje; Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira.
5 Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya; mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bwo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababwire, ni mube ari yo mutinya.
6 Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa amakuta abiri? Ariko kamwe muri two ntikibagirwa imbere y'Imana.
7 Ariko n'umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharuwe. Ntimutinye; muruta utunyoni twinshi.
8 Kandi ndababwire; Umuntu wese azonyaturira imbere y'abantu, Umwana w'umuntu azomwaturira imbere y'abamarayika b'Imana.
9 Ariko uwunyihakanira imbere y'abantu, azokwihakanirwa imbere y'abamarayika b'Imana.
10 Kandi umuntu wese azodedemba ku Mwana w'umuntu, azobiharirwa; ariko uwuzodedemba kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa.
11 Kandi ni babajana mu nsengero z'Abayuda bakabashira abakuru n'abaganza, ntimuzohagarikishwe imitima n'ico muzokwireguza n'ingene muzokwiregura canke n'ico muvuga.
12 Kuko muri ako kanya nyene, Mpwemu Yera ababwiriza ivyo mukwiye kuvuga.
13 Maze umuntu wo mw'ishengero ryari rikoraniye aho aramubwira ati: “Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu.”
14 Aramubaza ati: “Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu?”
15 Kandi arababarira ati: “Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuko ubugingo bw'umuntu butava mu bihinda vy'ibintu atunze.”
16 Kandi abacira umugani ati: “Habaye umuntu w'umutunzi yarafise itongo rimera cane.”
17 Yiyumvira mu mutima wiwe ati: “Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?”
18 Ati: “Ndabigenza gutya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi bininibinini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n'ibintu vyanje vyose.”
19 Mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitira imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.”
20 Maze Imana iramubwira iti: “Wa gipfu we muri iri joro barakwaka ubugingo bwawe; none ivyo woziganije bizoba ivya nde?”
21 Umuntu yishingurira ni ko amera, atari umutunzi mu vy'Imana.
22 Abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gitumye ndababarira nti: 'Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, canke umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.'
23 Kuko amagara aruta ivyo kurya, n'umubiri uruta imyambaro.
24 Ni mwitegereze ibikona, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububiko canke ikigega, kandi Imana irabitunga. Erega mwebwe muruta ibisiga cane.
25 Ni nde muri mwebwe ku bwo amaganya yiwe yoshobora kwiyongerako n'akangana n'ukuboko kumwe?
26 Nuko ko mudashobora gukora gito rwose ni iki gituma mwiganyira ibindi?
27 Ni mwitegereze amashurwe, ingene akura; ntiyirirwa araruha, ntajisha impuzu; ariko ndababwire na Salomo mu bwiza bwiwe bwose ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo.
28 None Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi ityo, biriho uwu musi, ariko nk'ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe abo ukwizera guke mwe?
29 Kandi ntimukitwaririke ivyo murya n'ivyo munywa, ntimukiganyire.
30 Kuko ivyo vyose abanyamahanga bo mw'isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mubikena ivyo.
31 Ariko mwitwaririke ubwami bwiwe, ni ho ivyo muzovyongerwa.
32 Yemwe mwa busho buto, ntimutinye; kuko So bimuhimbara kubaha ubwami.
33 Mugurishe ivyo mufise, Muzotange ibiguzi vyavyo ku bwo ubuntu; mwibaririre imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw'ijuru, ahategerwa n'igisuma, ata n'inyenzi zonona;
34 kuko aho ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
35 Mwame mukenyeye, kandi amatara yanyu yame yaka.
36 Ni mube nk'abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe, ngo ni yaza, akaramutsa, bace bamwugururira.
37 Harahiriwe abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso. Ndababwire ukuri; azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.
38 Ni yaza mu gicugu canke mu nkoko, akabasanga atyo, bazoba abahirwe.
39 Kandi mumenye iki, yuko iyaba nyene urugo yari asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze ko inzu yiwe yimbwa.
40 Namwe mwame mwiteguye, kuko Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
41 Petero aramubaza ati: “Mbega Mugenzi, uwo mugani ni twebwe twenyene uwuciriye, canke uwuciriye n'abandi bose?”
42 Umwami Yesu na we aramubaza ati: “Ni nde munyabigega wo kwizigirwa w'ubwenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngo abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?”
43 Harahiriwe uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora atyo.
44 Ndababwira ukuri yuko azomuha kugaba ivyo afise vyose.
45 Ariko uwo mushumba ni yibwira mu mutima wiwe ati: “Databuja aracatevye kuza; maze agatangura gukubita abashumba n'incoreke, akaja mu vyo kwirira no kwinywera akaborerwa,
46 shebuja w'uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze, no mu gihe atazi, azomuhana vy'akarorero, amusangize umugabane wiwe n'abatizera.
47 Kandi uwo mushumba yari azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi.
48 Ariko uwutari abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabikijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.
49 Naje guta umuriro mw'isi, none iyaba wari umaze gufatwa, nta kindi mba nkigomba?
50 Hariho umubatizo nkwiye kubatizwa. Umubabaro mfise mu mutima ntuzohera ntarawubatizwa.
51 Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro mw'isi?
52 Ndababwire, si ko biri, ariko naje kubaryanisha. Kuko uhereye ubu, ahazoba batanu mu nzu imwe bazokwicamwo ibice, batatu barwanye babiri na babiri barwanye batatu.
53 Umwana azotandukana na se, na se n'umwana ni uko; umukobwa azotandukana na nyina, na nyina n'umukobwa ni uko; inabukwe azotandukana n'umukazana wiwe, n'umukazana na inabukwe ni uko.
54 Kandi abwira ishengero ati: “Iyo mubonye igicu kivuye mu burengero, muca mugira ngo imvura iraguye; kandi ni ko biba.”
55 Iyo mubonye umuyaga uturutse mu bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba.
56 Mwa ndyarya mwe, murazi kugenzura isi n'ijuru, ni iki kibabuza kugendeza iki gihe?
57 Kandi namwe ubwanyu ni iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka?
58 Ni wajana n'uwukurega muja ku mushingantahe, mukiri mu nzira ushishikare kuringaniza na we, ngo ntagukwegere ku mucamanza, umucamanza akaguha umusoda, akagushira mw'ibohero.
59 Ndakubwire, Ntuzohava na gatoya, utishuye n'ihera rya nyuma.