Chapter 20
Umusi umwe, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bwiza, abaherezi bakuru, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe baza aho ari.
2 Baramubaza bati: “Tubwire ububasha bugutera gukora ivyo. Canke ubwo, ni nde yabuguhaye?”
3 Arabishura ati: “Nanje hinge ndababaze ijambo, mumbwire:
4 none ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw'ijuru, canke mu bantu?
5 Baravugana bati: “Ni twavuga ko ari mw'ijuru; ahava atubaza icatubujije kumwemera?
6 Ariko ni twavuga ko ari mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n'Imana.”
7 Bamwishura yuko batazi aho kwavuye.
8 Yesu arababwira ati: “Nuko rero nanje sindababwira ububasha bunkoresha ivyo.”
9 Atangura gucira abantu uwu mugani ati: “Habaye umuntu yateye umurima w'inzabibu, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga, amarayo igihe kirekire.
10 Igihe c'iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire ivyamwa vy'umurima w'inzabibu. Abo barimyi baramushishagura, bamurungika imbokoboko.
11 Yongera gutuma uwundi mukozi; uwo na we baramushishagura, baramutetereza, bamurungika gusa.
12 Atuma n'uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda.”
13 Nyene umurima w'inzabibu aribaza ati: “Ndabigire gute? Ndatuma umwana wanje nkunda, kumbure bazomusonera.”
14 Ariko abo barimyi bamubonye baja inama bati: “Urya ni we samuragwa; ingo tumwice, kugira ngo umwandu uzobe uwacu.”
15 Bamuhindira inyuma y'umurima w'imizabibu, baramwica. None nyene umurima w'inzabibu azobagira ate?
16 Azoza yice rubi abo barimyi, umurima w'inzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga bati: “Biragahera.”
17 Arabitegereza, arababaza ati: “None rero aya majambo yanditswe ni amaki, ngo ibuye abubatsi bagaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?”
18 Uwuzogwa kuri iryo buye wese azovunagurika, ariko uwo rizogwako wese rizomuvungura.
19 Abahinga b'ivyanditswe bo n'abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushorerako ako kanya amaboko, ariko batinya abantu; kuko bamenye yuko ari bo yaciyeko uwo mugani.
20 Baramugenza, batuma abo kumudaha amajambo bigira intungane, ngo bakure urwitwazo mu vyo avuga, bamushire segaba nyene ububasha, ari we cegera ca Kayisari.
21 Baramubaza bati: “Mwigisha, turazi yuko uvuga kandi wigisha neza, kandi k'uwudatinya ijunja ry' abantu, ariko ko wigisha inzira y'Imana vy'ukuri;
22 mbega biremerwa ko dutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?”
23 Maze amenya uguhendana kwabo, arababwira
24 ati: “Ni munyereke ihera; igishushanyo n'ivyanditswe kuri ryo ni ivya nde?” Bati: “Ni ivya Kayisari.”
25 Arababarira ati: “Nuko rero ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivyo Imana mubihe Imana.”
26 Ntibashobora gukura urwitwazo muri ayo majambo imbere y'abantu, batangazwa n'ivyo abishuye, barahora.
27 Abasadukayo bamwe baza kuri we, ni bo bahakana yuko ata kuzuka kuriho, baramubaza
28 bati: “Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w'umuntu ni yapfa adasize agahungu, agasiga umugore, mwene nyina akwiye gucura uwo mugore, ngo avyure umuryango wa mwene nyina.”
29 Nuko rero habaye abavukana indwi; uwa mbere arongora umugore, apfa adasize agahungu;
30 uwa kabiri aramucura,
31 n'uwa gatatu nyene, ni uko bose uko ari indwi baramucura, bapfa badasize impfuvyi.
32 Hanyuma na wa mugore arapfa.
33 None mw'izuka azoba muka nde muri bo? Ko bari bamufise bose uko ari indwi!
34 Yesu arabishura ati: “Abo iyi si bararongora, kandi barashingirwa,
35 ariko abemerewe gushika muri ya yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa;
36 kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n'abamarayika, kandi ari abana b'Imana, kuko ari abana b'ukuzuka.”
37 Ariko ivyo abapfuye ko bazuka, na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivyo Igisaka c'amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka n'Imana ya Yakobo.
38 Erega Imana si iyo abapfuye, ariko ni iyo abariho; kuko kuri yo bose bariho.
39 Bamwe mu banyabwenge b'ivyanditswe baramwishura bati: “Mwigisha, uvuze neza.”
40 Ntibaba bacubahuka kumubaza irindi jambo.
41 Arababaza ati: “Bavuga bate yuko Kristo ari umwana wa Dawidi?
42 Ko Dawidi ubwiwe avuga mu gitabo ca Zaburi ati: 'Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: 'Icara i buryo bwanje,'
43 Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y'ibirenge vyawe.'
44 Dawidi ko yamwise Umwami, none ashobora ate kuba umwana wiwe?”
45 Maze abarira abigishwa biwe, abantu bose bumva
46 ati: “Mwirinde abahinga b'ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bwakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z'icubahiro mu nsengero z'Abayuda, n'ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.”
47 Barya ingo z'abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.